'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, August 1, 2023

Asaba ko umugabo wiwe arekurwa

 Asaba ko umugabo wiwe arekurwa

Ndavye amagorwa ndimwo, jewe ico nsaba ni uko boraba vy'ukuri uko vyagenze bagatunganiriza umugabo wanje, agataha akaza kumfasha kurera abana.- Ndayikengurukiye Aurene. Ibi abivuga ku musi mpuzamakungu wa hariwe abakenyezi b'abanyafrika igenekerezo rya 31 Mukakaro.

Umupfasoni Ndayikengurukiye Aurene w'imyaka 40 afise abana 4  (abakobwa batatu n'umuhungu) wo muri zone Kizuka, kw'ibarabara rya mbere ry' umutumba Kizuka-Ndava, komine n'intara ya Rumonge. Ndayikengurukiye Aurene ni umugore wa  Manirakiza Salatiere, umusirikare Matricule HR00816 (74356) yahora akorera mu biro bikuru vya gisirikare  aramaze imyaka indwi upfungiwe ku Mpimba inyuma y'ugucibwa umunyororo wo guherayo yagirizwa kunyuruza N.Nsengiyumva yaramwunguruje mu modoka y'ubwoko bwa probox amakura mu Kizuka amujana i Bujumbura. 

Nkuko vyiganwa  n'umukenyezi wiwe ngo Shartiere ari asanzwe ari mu buruhuko i muhira mu muryango aho hagera ko asubira kuja mu bihugu bahora bajamwo kugarukana umutekano niko kurondera imodoka imufasha kuzana imare (isandugu y'agirikare) yarafise. Umuryango uhitamwo uwitwa Sengiyumva aturuka mu ntara aya Makamba akaba yari yubakanye na Nkunzimana Angeline  bari basanzwe ari ababanyi. Nkunzimana akaba ubu ari umudandaza w'ibinyobwa vya Brarudi aho bita ku Nonzi aho nyane mu Kizuka.

Uwo bahamagara Sengi ntiyatevye kuvyemera. Bavuye mu Kizuka isaha zitatu z'igitondo.Bashitse mu nzira yarurije n'uwundi muntu ariko ngo uyo yahavuye aviviramwo mu nzira. Salatiere  na Sengiyumva bashikiye muri karitiye Asiatique aho Salatiere yaguze ibikoresho vyo kubaka amushirira umuryango baca barasezerana. Ndayikengurukiye Aurene yagumye yibaza ko bose bagiye ku kazi ka misi yose. Bukeye niho Nkunzimana Angeline batazira Mama Tony yaza kumumenyesha ko Nsengiyumva atagarutse. Nkunzimana yaciye ahamagara kuri terefone umugabo wiwe amubwira ivyo bavuganye na Mama Tony maze Salatiere atangazwa n'ukubona Nsengiyumva atarashika i muhira kandi yamurungikanye ibikoresho vyo kubaka inzu ya mukuru we Dieudonne mu Rumonge n'ibifungurwa. 

Igitondo gikurikira haje abaporisi bo kuri komine Rumonge bazanywe na Mama Tony maze basaba inomero za terefone za Salatiere . Nkunzimana arazibaha baciye bamusaba kubakurikira . Abo baporisi baranse ko ajana umwana yonsa w'amezi icenda, Elie Eloh YOZOFAYI. Abaporisi basiguye ko ata mwana apfungwa.Umupfasoni Ndayikengurukiye Aurene yapfungiwe kuri brigade indwi zibiri. Nkuko avyemeza Nsengiyumva ntiyasubiye kumubona n'iyo modoka ya gendesha ngaho mu Kizuka.

Manirakiza Salatiere aho ari ku kazi amaze kumva ko umugore wiwe apfunzwe yagize ngo ararondera ukuntu yoja kuraba umugore nawe aba arafashwe aca ajanwa gupfungirwa muri PSR.Manirakiza Shartiere yahavuye yungururizwa mw'i bohero rya Mpimba aho yaciriwe umunyororo wo guherayo yagirizwa ku nyuruza umuntu. Manirakiza Salatiere  yaraherutse kuva muri Somaliya kugarukana umutekano ariko agahembo kiwe ntikashikiriye umuryano wiwe. Umupfasoni Ndayikengurukiye Aurene yemeza ko umugabo wiwe yarasigaje guhemwa imiriyoni indwi n'amajana atanu y'amafaranga 'amarundi (7500.000 Fbu) ariko ataronse n'urutoboye kandi umuryango utokubahuka abayariye uravye ipete bafise mu gisirikare. Ahubwo ngo yaratewe ubwoba bimwe bikomeye ku buryo no kuja kuraba umugabo bisa nko kwiyahura. 

N'umubabaro mwinshi ngo yibukana ivyo yaboneye muri Brigade ya Rumonge apfunzwe atazi ico azira inyuma y'ugutandukanywa n'uruyoya rw'amezi icenda agira ati : ''Ndavye amagorwa ndimwo, jewe ico nsaba ni uko boraba vy'ukuri uko vyagenze bagatunganiriza umugabo wanje, agataha akaza kumfasha kurera abana''.

Mu gusaba ko umugabo wiwe yo rekurwa avuga ko yapfunzwe hakoreshejwe irementanya. Nk'umukenyezi  ngo ntiyashoboye gukurikirana dosiye yakozwe vyihuta cane igakorwa n'abantu basa n'abatoroshe. Yongerako ko abakeneyezi iyo hadutse ingorane nkizo baburagizwa, bagahohoterwa na cane cane iyo ari abantu baciriye hagufi kuko ngo Nkunzimana Angeline yakoresheje uwumubaranira na nyarirya urubanza rwabera kure yaho bose basanzwe baba.

Bamwe mu basirikare bakorana na Salatiere batashimwe kwivuga izina bemeza ko iremenetanya nkiryo rihora riba mu gisisriakare ku gira ntusubira kuja ku rutonde rw'abarungikwa kuja kugarukana umutekano. Ivyo bikaba vyabaye sAlateiere yagira asubireyo ubigira gatatu. Muri kino gihe ngo n'ugiye kurondera dosiye yiwe ngo ntayironkaa.  

Manirakiza Salateiere atunzwe no gukora ibikonkwane hamwe n'ikiyede. Asaba ko umugabo wiwe arekurwa batazira Mama Tony yemeza ko ica mwemeje ko ari Manirakiza Salateiere yanyuruje umugabo wiwe ari uko yamuhaye akazi kandi ko hariho n'amafaranga ibihumbi amajana atanu (500.000) y'amarundi  Salatiere yaramufitiye atari bwamusubize. 

Ndayikengurukiye Aurene avugako haciye amezi atatu Nkunzimana Angeline batazira Mama Tony amurungikiye abagore babari, umwe muribo yitwa Zera, bazanye ubutumwa bumumenyesha ko yokwitegura kuko umugabo wiwe ari mu kuva mu gasho. ubwo butumwa bukaba bwaramutangaje na nyarirya uwo Nkuzimana amaze kwiyemerera ko umugabo wiwe Nsengiyumva atari irya mbere agenda atawuzi iyo ari mu nyuma akagaruka.


No comments: