'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Friday, August 18, 2023

Amatora mu mugambwe CNDD-FDD

Amatora mu mugambwe CNDD-FDD 

Bujumbura, igenekerezo rya 18 Myandagaro, Gako News (Blog) Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Myandagaro harategekanije amatora mu mugambwe CNDD-FDD mu gihugu cose. Hazotorwa abanyamabanga b'uyo mugambwe ku rwego rwa komine hisunzwe indinganizo nshasha y'amakomine izotangura kuja mu ngiro mu 2025.

Nkuko vyemezwa n'abamwe mu banywanyi b'uyo mugambwe ngo  ntibisanzwe. Ngo umunyabanga w'umugambwe CNDD-FDD azoba afise akarere katari gato ajejwe. 

Mu ndinganizo y'ayo matora, abatora bahurira kuri komine izoba icicaro gikuru c'ikomine nshasha hisunzwe indinganizo nshasha. 

Nko mu ntara ya Makamba izoba umurwa mukuru w'intara ya Burunga, amatora yo muri komine nshasha ya Nyanza azobera kuri Lycée technique muri komine Nyanza-Lac izoba umurwa mu kuru w'iyo Komine nshasha ya Nyanza. Abagumyabanga bazohahurira  bavuye mu Mabanda na Vugizo. Amatira azotangura isaha zitatu z'igitondo. 

Mu ntara ya Kirundo hakaba havugwa ukutumvikana hagati y'abagumyabanga bavuga ko muri iyo ndinganizo y'amatora bashigikiye umukuru w'umugambwe Reveriyano Ndikuriyo n'abavugako bashigikiye Gihahe. Aba bakavuga ko babona amahinyu mu nteguro y'ayo matora. 

#Amatora #Umugambwe #CNDD-FDD #Burundi #Poritike #Komine


No comments: