'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Monday, August 14, 2023

Ku mashure amwe amwe, abana batagira ba se bazwi ntibazotangura ishure.

Ku mashure amwe amwe, abana batagira ba se bazwi ntibazotangura ishure. 

Indwi irangiye niyo ryari isango -hatangwa umusi umwe kw'ishure- ryo kwandikisha abana bageze gutangura umwaka wa mbere w'ishure shingiro. Muri zone Kamenge yo muri Komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, bamwe mu bapfasoni bari baje kwandikisha abana babo kugira ngo batangure umwaka wa mbere mu mwaka w'ishure bivugwa ko uzotangura igenekerezo rya 3 Gitugutu 2023 ntibemerewe kwandikisha abana babo. Imvo ngo ni uko abo bavyeyi batari bafise ivyemeza amavuko y'abana babo (Etrait de naissance).

Nkuko navyiboneye ku mashure abana bafise ba se batazwi n'amategeko batandikishijwe muri zone ntibanditswe kugira ngo baze bige nkabandi kuko kuko abavyeyi bataronse ivyemezo vy'abavyeyi -babiri, se na nyina- b'umwana. Mu kwandika abayobozi b'amashure basaba urupapuro rwemeza itariki y'amavuko urwo narwo rutangirwa kuri komine umusi bandika umwana kandi hatabonetse abavyeyi bose umwana ntiyandikwa.

Nkuko bivugwa n'umuvyeyi twasanze kwishure rimwe muri zone Kamenge atashatse ko izina ryiwe rivugwa ngo vyose vyaturutse ku ngingo yafashwe n'abarongoye amashure yo kwandika abana habanje gutangwa urupapuro -Extrait de naissance- kandi usanga bamwe atarwo bafise. Uyu muvyeyi yemeza ko aho aherereye abo bana ari benshi.

Yagize ati: '' Abo bana bamwe tubavyara natwe tutabishaka, nibwo buzima tubayemwo. Haraho tuvyara ku bantu tudashobora kuvuga amazina kubera imigenzo tubayemwo itavyemera, abandi ku bantu bateye ubwoba, ubavuze womererwa nabi. Nibatureke tubandikishe kuko batize boba bazize ubusa . Bobo nta kosa bakoze''. Uyu ubona mfise namuvyaranye n'umusirikare kandi aba ngaha hafi ndabivuze noyabona. Ntakubiswe n'uyo musirikare , umugore wiwe sinomuva imbere. None tugire gute?''.

Bamwe mu rwaruka nabajije nabo nyene batashimye ko amazina yabo amenyekana bavuga ko ubushikiranganji bwo shiraho ingingo mperekeza y'iyo bwafashe kuko ngo hari abana bavuka kuri ba se bigoye ko bameneyekana. Umwe muri urwo rwaruka ati : None umukobwa yavayaranye n'umutegetsi kanaka azo muvuga? Umugore canke umukobwa yavyaranye na patiri canke pasitori azomuvuga ? Hari Ivyo usanga bigoye kuko hariho n'abatwara inda batazi nyene yo canke n'umusi iyisama. Bamwe baba barunyoye. None ko nibuka umupfasoni yavuze umutegetsi bavyaranye umwana w'umutegetsi ko umengo n'ubu aracapfunzwe''.

Aha twokwibuka ko ubushikiranganji bw'intarao yo hagati buherutse nabwo gufata ingingo yuko abana batagira abavyeyi bose bazwi n'amategeko batandikwa muri vya bitabo bandikamwo abana baherutse kuvuka. Aha benshi bakaba babona muri iyi ngingo intumbero yo gutuza ubushurashuzi. Abandi nabo iyo ngingo ngo ihonyanga uburenganzira bw'ibibondo . Iyo umwana atanditswe ntaba akironka uburengenzira bwo ku vurwa ku buntu muri ya mwaya itano ya mbere y'ubuzima bwiwe, ntaba afise ubwenegihugu bitayeko ubu ntazo akironka uburengenzira bwo kwiga kuko mu kwiyandikisha hasabwa urupapuro rw'amavuka.

No comments: