Kamenge : Basaba ko abana babo barekurwa
Bujumbura, igenekerezo rya 30 Myandagaro, Gako News ( Blog) Masengesho Chouette w'imyaka 17 na Nininahazwe Pacifique barapfungiwe kuri zone Kamenge kuva ku muhingamo w'ejo . Abavyeyi babo basaba inyamiramabi N. Juvenal kubarekura kuko bashobora kuba bariko baragirirwa irementanya.
Nkuko bivugwa n'abahekereje abo bavyeyi kuri zone Kamenge uno musi mu gitondo ngo vyose vyatanguye ku migenderanire y'urukundo yari hagati ya Nininhazwe Pacifique na Mugisha Dorine kugeza naho uyo muhungu amuha isaha yamara abavyeyi biwe ntibabikunda. Inyuma yuko iyo saha imenaguriwe , Dorine agahambarigwa cane n'abavyeyi yaciye afata ingingo yo kuva muri uwo muryango usanzwe uba muri zone Gihosha , karitiye Nyabagere , cellule ya 3 ku ry'amatafari mugabo agenda yihaye isumu. Niko gutorwa n'umupfasoni Mugisha Ghyslaine yariko arahita kurya 14 mu Mirango ariko arayogwa ku mubari w'ibarabara. Uyu nawe akavuga ko ariwe yihamagariye kuri terefone se wa Mugisha Dorine amumenyesha ko yoza gutora umwana wiwe akaba ari nawe yiyemereye kuba icabona ko Mugisha Dorine yabonetse . Ghyslaine agatangawza n'ukuntu abo bana batararekurwa na nyarirya harimwo n'umuyabaga w'imyaka 17.
Abavyeyi ba Dorine bamaze ku mubura baciye bapfungisha wa Nininahazwe Pacifique, muhungu yahora akundanye na Dorine hamwe na Masengesho Chouette yahora ari umugenzi wiwe. Abavyeyi ba Masengesho Chouette n'abo kwa Nininahazwe Pacifique bamaze kumenya ko Mugisha Dorine yabonetse bihutiye kuri zone kugirango abana wabo bapfungurwe . Inyamiramabi zabahaye isango y'uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 isaha ziatatu z'igitondo . Gushika isaha zitandatu n'inusu z'umutaga z'uyu wa gatatu, OPJ N.Juvenal yabapfunze ntiyari bwa barekure. Akaba ngo yavuze ko abo bana bazanywe n'umukozi w'igendereza ko ari ivyo kwitondera . Mama wa Pacifique akavuga ko se w'umukobwa yahamagaye umupfasoni yatoye Mugisha Dorine ko yova aho kuri zone. Bikavugwako se wa Dorine ariko ararondera impapuro zo kwa muganga zo kwemeza ko Mugisha Dorine yafashwe ku nguvu.
Bukuru Leon na Nsengiyumva Virginie, abavyeyi ba Masengesho Chouette n'abo kwa Nininahazwe Pacififique basaba ko abana babo barekurwa atakirinze gusabwa kuko Mugisha Dorine bapfunzwe bagirizwa kubura irengero yamaze kuboneka kandi ari mu minwe y'abavyeyi biwe.
No comments:
Post a Comment