'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Wednesday, August 16, 2023

Nyanza-Lac: Bamwe mu bigeme bacira amashure hagati .

 Nyanza-Lac: Bamwe mu bigeme bacira amashure hagati. 

Bujumbura, igenekerezo rya 16 Myandagaro, Gako news (Blog) Ku mutumba Kabonga muri zone Kabonga nyene Komine ya Nyanza-Lac bamwe mu bigeme baremeza  ko benshi  muri bo batiga amashure bivuye ku kugene abavyeyi babo badatahura akamaro k'ishure bagaca bakabatuma udukorwa two mu ndimo. N'abatware  baho ngo ntibahimiriza abavyeyi bikwiye ku bijanye n'akamaro k'ishure. N' iyo abana bahevye ishure nta ngingo zifatwa.

Nkuko n'abakenyezi bavyiyemerera ngo  ikibazo nyamukuru kibahanze baho ni uko badafise imitahe y'ugukora 
imigambi y'iterambere kugirango basahirize imiryango yabo. Barasaba ubufasha narirya Komine iherutsa 
kububakira isoko hafi y'umweha wa Kabonga.

Ibindi bibuza abigeme kubandanya amashure ni ingeso y'uguharika yimonogoje cane ku mitumba nka yose .
 Ivyo vyibonekeza cane mu matati yama yadutse hagati y'abakenyezi n'abagabo babo canke n'abagore bari 
kw'ihari. Iyo ngendo ikaba ituma haca havuka abana benshi kandi ntibanandikwe muri komine. Abaja guharikwa ni 
imiyaba iba itaye amashure Abenegihugu barasabako intwaro muri komine Nyanza-lac yohagarika iyo ngeso mbi 
 kuko iteza umutekano muke mu kibano.

Ku mutumba Mvugo muri zone , abigeme benshi baratangura amashure ariko ntibayabandanye bivuye 
ku kugene abagabo bataye ibanga baca babahendahendesha udufaranga mu kubagurira impuzu zizimvye, 
imfungurwa hanyuma bigaca birangira babateye inda z'ishushu. Abo bana baba bavutse ntibaheza ngo 
bandikwe muri komine. Agateka kabo kaba gahungabanye.Urudandaza rw'amafi ku mweha wa Mvugo rukorwa 
n'abakenyezi. Abigeme bamwe baca bata amashure bakaja kudandaza indagara canke imikeke kuko ngo 
hoho baca baronka amahera yo kwigira neza binyarutse.Gutyo baracabuze uwobafata mu mugongo kugirango 
bashobore gushika kure nukubika amafi igihe kirekire canke kuzihingura mubuhinga bwa kijambere. Abo bakenyezi 
baripfuza gusahiriza imiryango yabo kuko urugo ni babi, urugo n'ugufashanya.

Mu ntumbero yugutuza amaligala y'urwaruka canke ubunebwe, abigeme bo ku mitumba itandukanye igize Zone 
Nyanza-Lac cane cane bahejeje amashure barasabako hojaho   ikigo cobaramira kikabafasha kwungura ubumenyi : 
aha baravuga  nk'amazu yo gusomeramwo ibitabo no kwiga kwitunganiriza imigambi, aho babaririra n'aho 
gukorera imiduga , aho kwigira kugendesha imiduga. Barasaba cane cane abarundi baba mu mahanga 
ya kubafata mu mugongo kugira ngo bashobore gushika kure mu ndoto zabo. Ntibagume biyumvira gusa 
kujabuka mumahanga. 


No comments: