'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, August 29, 2023

Itongo nti ryaguka

 Itongo nti ryaguka 


Bujumbura, igenekerezo rya 29 Myandagaro, Gako news, (Blog) Mu gihe yari umutumire mu nama nkenguzamateka kuri uyu wa 29 Myandagaro, umushikiranganji w'inyubako Dukundane Dieudonné yagize ati : '' Twategerezwa kwubaka ahatamera gusumba ahandi''.

Icegera ca mbere c'umukuru w'inama nkenguzamateka Denise Ndadaye yasavye uyo mushikiranganji ko ibijanye n'ugukoresha amabarabara ko vyo kwigishwa mu mashure nshingiro kuko ngo abantu barajuragirika iyo bariko bariyunguruza Yanamusavye ko hoshigwaho insiguro ku bicapo biri ku mabarabara.

Uyu mushikiranganji yanashimiye abenegihugu bahora baba muri Sokariti ko abenshi bamaze gukinjura kugira ico kibanza kirangurigwemwo ibijanye n'inyubako nkuko bizokorwa mu Kizingwe Bihara, Nkenga Busoro. Aho ni mugihe ejo aho bukera kw'igenekerezo rya 30 Myandagaro ariho isango impunzi zari zimaze imyaka ziba muri ico kibanza cegukira Reta zahawe kuba bavuye muri ico kibanza. Umushikiranganji akavuga ko ibimashine vyateguwe gutangura ibikorwa muri ico kibanza.

Icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nkenguzamateka yashikirije amakenga ku kuntu ibarabara rica imbere y'ibitaro CMCK anasaba ko hatovomerwa gusa kuko bituma haguma himburuka ahubwo hakorwa. Ntiybagiye kwibutsa uyo mushikiranganji aherutse gushimirwa n'umukuru w'igihugu ku bikorwa akora ko igisagara ca Bujumbura kidafise amazi akwiye. Yungikanijeko ubushiranganji uyo mushikiranganji arongoye yoraba neza ko bukurikiza amategeko mu kwaka ama paresera beneyo.

No comments: