'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, August 31, 2023

Amanota 68 kw'ijana

 Amanota 68 kw'ijana. 

Bujumbura, igenekerezo rya 31 Myandagaro, Gako News (Blog) Amanota 68 kw’ijana niyo yafatiweko kugira umunyeshure wo mu mwaka w'icenda abandanirize mu gice ca kabiri c'amashure y'intango. 


Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsiFaransisiko Havyarimana yamenyeshejeko amanota 68 kw'ijana ni ukuvuga ibice 34 kw'ijana aryo yafatiweko kugira umunyeshure wo mu mwaka w'icenda abandanirize mu gice ca kabiri c'amashure y'intango. I Havyarimana Faransisiko  yabimenyeshereje mu. Kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru kuru ino wa 31 Myandagaro aho yanavuze ko mu mashure y'uburaro hazojayo abafise 58 kw'ijana, abanyeshure b'abatwa bazoronka amanota 34 kw’ijana bazokwakirwa mu mashure y’indaro. 

Ku bijanye n'’indimi, abafise 58 kw’ijana n’ayarenga bazoronka uburenganzira bwo kwiga mu mashure y’indaro mu gihe abashaka kwiga mu mashure y'akarorero bategerezwa kuba bafise amanota kuva ku 70 kw’ijana. Umwaka w'ishure ukazotangura kw'igenekerezo rya 18 Gitugutu. 

 Aha twomenya ko miri ico kibazo intara yabaye iyambere ari Karusi n'ibice 99,48 kw'ijana ariko urwo rutonde rutemerwa n'abamwe mu bihweza ibijanye n'indero mu Burundi. 




No comments: