Amanota 68 kw'ijana.
Bujumbura, igenekerezo rya 31 Myandagaro, Gako News (Blog) Amanota 68 kw’ijana niyo yafatiweko kugira umunyeshure wo mu mwaka w'icenda abandanirize mu gice ca kabiri c'amashure y'intango.

Ku bijanye n'’indimi, abafise 58 kw’ijana n’ayarenga bazoronka uburenganzira bwo kwiga mu mashure y’indaro mu gihe abashaka kwiga mu mashure y'akarorero bategerezwa kuba bafise amanota kuva ku 70 kw’ijana. Umwaka w'ishure ukazotangura kw'igenekerezo rya 18 Gitugutu.
Aha twomenya ko miri ico kibazo intara yabaye iyambere ari Karusi n'ibice 99,48 kw'ijana ariko urwo rutonde rutemerwa n'abamwe mu bihweza ibijanye n'indero mu Burundi.
No comments:
Post a Comment