'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, August 3, 2023

Perezida Varisito ati :''Igituma mutabikora ni uko barya babikora baha ibiturire mwebwe''.

Perezida Varisito ati :''Igituma mutabikora ni uko barya babikora baha ibiturire mwebwe''.

Bujumbura, igenekerezo rya 3 Myandagaro, Gako news (blog) None jewe ko navuye hasi kubera iki mwebwe abenegihugu mutamfasha ngo turabe ko abo bantu batunanira.... None baje ngaho bakamvure abenegihugu ndiko ndarorera nitwa se barundi?- Perezida Varisito Ndayishimiye , Myandagaro 2023 .

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Myandagaro aho umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye yaraganutse ava mu rugendo rwa mushikanye mu bihugu vy'Uburusiya n'Ubushinwa ku kibuga c'indege mpuzamakungu     Ndadaye Melchior yarahaye ikiganira abamenyeshamakuru. Yaragarutse ku kibazo c'ibibanza vyo mu masoko yubatswe na Reta. Yarateye ivyatsi ingendo y'abo bita abakomisiyoneri batuma abandandaza bajuragizwa.  '' Umuntu wese ahantu acururiza ubu habaye iwe. Nibasubire kuvuga amajamabo menshi. Niyemera akaguma aha umuntu aho hantu atari rwiwe,ubu namenye ko aho adandariza ari rwiwe, bace bamwandika n'akarangamuntu yiwe. Bamenye ko ariwe afitaniye imigenderanire n'uburongozi bw'igihugu , ntafitaniye imigenderanire n'umuntu yagiye kwiba ivyo igihugu. Ivyo ntaho bitaniye n'ababandi biba ama paresere agaca aja kuyagurisha ku mwene gihugu nyene yarayibfitiye uburenganzira ngo ni uko ivya Reta ari ivyo kwibwa. Abo bantu tubahagurukire''. 
Yaciye aha imisi itatu gusa ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu ngo ibintu bibe vyasubiye ku rutonde. ''Nico gituma aba bantu hagera imisi itatu  batarasubiza ivyo bibanza turasiganwa, none ntibagira bagire imigumuko mu gihugu aribo babikoze reka ndabe ko banesha. Ni akamaramaza kandi harimwo indongozi ''. 

Umukuru w'igihugu asaba abarundi ku mushigikira mu gutuza abonona ubutunzi. ''None  ko jewe navuye hasi ni kuki mwebwe abenegihugu mutanshigikira , tubadome ko urutoki. Tubahane turabe ko bazotunesha. Abo bantu bari ku rushi ntibashika n'ijana  ndababwire. Abenegihugu twese twova hasi tukavuga ngo nguyu , tumukuramwo tumushira ku ruhande. Erega twopfuma tuja kubabika mu mpimba, batuviremwo. Igihugu gitere imbere. Iyumvire kurondera umugumuko uriko ukoresha amahera wivye igihugu.Wivye abenegihugu ugaca uja kubabwira ngo nimugumuke murakenye kandi ari wewe nyene wabivye. None ni umkuru w'igihugu yabivye?Ubu rero tugira tuve hasi kuko bamaze kwica igihugu, ntibagumuye abantu?''.

Perezida Varisito Ndayishimiye avuga ko indongozi azosonga ifise ibibanza mw'isoko ko yoba aramenya uko ivyiwe bigiye kugenda kuko ngo nibo bagumuye abantu kuri uyu wa mbere no kuwa kabiri. Indongozi nkiyo ngo yashaka gutembagaza igihugu.

Perezida Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko igituma abajejwe intwaro ivyo bintu batabitunganya ari ako bene kubidabadandanya aribo baha ibiturire. Yaciye asaba umukuru w'igisagara ca Bujumbura n'abamusitanteri bose ko hamwe asanze mu misi itatu batarabitunganya ko azofata ko nabo nyene barimwo. ''Igituma mutabikora ni uko barya babikora baha ibiturire mwebwe''. Ndazi ko mu misi yahera twararondeye kugira abadandaza bose bagire ibibanza biharuye neza , vyaranse kubera iki  abajejwe intwaro bari muri babaryi. Ni baba atari abaryi nibabimpereze. Nsange umudandaza wese  afitaniye imigenderanire na Reta adafitaniye imigenderanire  n'indongozi n'imwe''.

Kubwa Perezida Varisito Ndayishimiye ikibazo c'ubutunzi ni urugamba.''Erega ni urugamba. Urugamba rw'ubutunzi utarugwanye rwo rurakugwanya. None inda ishonje irafise amatwi?Aharaye inzara hazinduka inzigo. None baje ngaho kamvure abenegihugu ndiko ndarorera nitwa se baraundi. Bazontsinda mu bana banje. Ntakundi none sindi se barundi mubago mwumve ko ari ibara ku bona indongozi zishobora gukora ibintu nkivyo''. 

Perezida Varisito Ndayishimiye yaratanze n'akorero aho aherutse kuja gutanguza isekeza ryo gushikiriza imanza zaciwe ntizashikirizwa mu ntara ya Karusi  ko naho yabonye ibintu bidasanzwe. Yiyemeje gusabirayo kuraba ko abacamanza bashize mu ngiro abo yasanze bararenganije. Agita ati: '' ''Abacamanza babimeneye jewe ndi umunyamategeko, hariho ingingo mu gitabo mpana vyaha ihana umucamanza yanse guca urubanza. Kwanka guca urubanza ni co kimwe no kuruca nturushire mu ngiro. Reka rero ntangure kuburana. Ngira ndondere aba abashingwamanza tuburane kuko nasanze bashaka kwica Uburundi''. 

Umukuru w'igihugu aranegura kandi ko hari ho abantu bumvise avuga ko ibintu agiye kuvyifatira mu minwe baca baricara aho guhagurikira rimwe bakamufasha. Yavuze ko igihugu c'Uburundi cari caramenyeye indongozi zireremba maze asaba abarundi bose kugwana urugamba rw'ubutunzi bafatanikanije n'abajejwe umutekano.'' Uwo yigirisha ngo jewe ndi agahambaye kw'izina ry'abenegihugu turamushira hasi. .... ntidushike itariki imwe y'ukwa mbere tukibona abo bantu batudogoya none abantu bari kurushi jewe ndazi ko badashika ijana.Reka duhigane turabe ko tutazotorana''. 

Avuga kubatamufasha yatanze akarorero k'umukozi wo mw'ipererza yatumwe kuraba ahantu bagira bacishe mukinywabi ibidandazwa acavuga ko ababantu atabo yabonye kandi bumvikanye bakamuha amahera. Ngo umukuru w'igihugu yaciye arungika uwumugamburikira maze vyabintu vyaciye bifatirwa kuru umwe yari yatumye ubwa mbere none yaramaze gushikanwa mw'ibohero.



No comments: