'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Monday, August 21, 2023

Aratakambira indongozi ngo zimutabare abariko baramunyaga.

 Aratakambira indongozi ngo zimutabare abariko baramunyaga.

Bujumbura, igenekerezo rya  20 Myandagaro, Gako (Blog) Umupfasoni Gahimbare Eugénie aratakambira indongozi ngo zimukureko  abariko baramunyaga itongo  riri ku mutumba  Nyarusagamba , zone Benga muri Komine Isare mu ntara ya Bujumbura. 

Agira ati :  ''Aha hantu duhagaze hari inzira yinjira mw'itonga hagati, mugabo mu 2016  hadutse abantu bamena amabuye. Musitanteri Gilbert  yandikiye Niyonzima Stanislas ko yohagarika ibikorwa vyo kwimba amabuye mw'itongo ritari rwiwe''. Stanislas ntiyigeze yubahiriza iyo ngingo. Ku ruhande rwo hirya baraharima , bakahimba amabuye atacamira. Uwo hashika yobona ko ari akamaramaza''. Ivyo yabivuga aho kw'igenekerezo rya 17 Myandagaro yishikira kuri iryo tongo agasanga abantu benshi bariko barimba '' bamusahura ibikoresho vyo kwubaka amabarabara n'inzu''. Iki mubabaza cane ngo ni uko bamusahura bene umurango babona.

Abandanya avuga ko mu nyuma mu 2017 yaronse uwitwa Francois Nkurunziza yamusavye ko we n'abo barikumwe boharondera amabuye kuko bari babonye ko hariyo amabuye menshi nawe nk'umuntu atameneyereye gucuruza amabuye  arabemerera ariko haheze imyaka ibiri havyuka kutumvika bivuye ko bariko bararenga amasezerano. Ubu asaba ko idosiye iri muri sentare isuburamwo imanza  ya Muha aho haje abacamanza bavuze ko Niyonzima Stanislas itongo yoba aritsindiye mugabo batagiye ngo bamwereka  aho acisha ari catumye hose bariko barahimba ko isubirwamwo''.


Umupfasoni Gahimbare amenyesha ko Musitanteri wa komine Isare azi neza iyo dosiye  co kimwe na Buramatiri w'intara ya Bujumbura arico gituma bomukomoreza utwiwe.'' Abo bantu bishikira kure atawuzi ukuntu bagiyeyo ni ukuri babankureko. Ndi umuvyeyei kandi narabayeho neza sinipfuza rero kurangiza nabi kandi nabayeho neza. Hariho uwitwa Consolatte wewe ico yankoreye  si igisanzwe. Yaraje ansaba inzira yo kwinjira aho yaguriye abatwa. Iyo nzira ni ukuri narayimuhaye  amaze kuhashika  yaciye avogera hose''. 

Ku bijanye na koperative  CTMDI yihaye gutunganya icukurwa ry'urukeri n'amabuye muri iryo tongo mugutoza   ibihumbi bine kuri buri bene , Gahimbare avuga ko atayo azi. '' Narabajije nsanaga hariho abakora amanyanaga akomeye cane. Abo nyene ayo mazina navuze Consolatte Kwizera,Francois Nkurunziza n'abandi ntamenya bari muri koperative bayivuyemwo baca bashiraho ikindi kintu bahuriramwo. Kiretse amaserezano nagiranye na Consolatte Kwizera mu 2017 yaheze hanyuma arasubira  kunsaba ngo yikorere akazi nahonyene ndayimuha mbaje kugira ingorane zikomeye kuko barangoye  cane ndaheza ndavuga nti ntakundi ndibubigire , baragenda barakora mugabo mu nyuma nza kumenya ko hari uwundi bahaye amahera  abaha amasezerano. '' turi mu kabezi niho nabonye ayandi masezerango yateweko igikimu n'umuntu yitwa Felix Hakizimana

Arongera agahakana  Felix Hakizimana ko atavuka mu muryango usigwa Ndikumana Aloys .''Uwo nawe ni umuntu yiyita ngo ni umuhungu wa Ndikumana Aloys, umugabo wanje. Twabanye mu 1977 yitaba Imana mu 1983 inyuma y'imyaka itandatu. Uyo muntu yari yaravutse. Ahaboneye amatongo araryoshe yaraje. Dufitaniye urubanza muri sentare y'intango Ntahangwa  RCA 1499  yarondera ko aba umwana wo mu muryango . Murumva ko jewe ivyo ndimwo bidasanzwe . Afise imyaka 47. Niwe afatanya naba Fracois Nkurunziza, ba Kwizera Consolatte mu kunyaga utwanje. Ni benshi cane kuri uno mutumba tudacana uwaka mugabo muribo  ntawuvuga ati uwo muvyeyi nabe mu vyiwe. Narahakoreye turikumwe n'umutama wanje, turikumwe n'uwahamugabiye . Uyu musi n'abarima utuntu twabo barabateye , itongo barihejeje kubera  ko izo mburano zo muri Ntahangwa zitari bwahere .Sentare isubiramwo imanza ya Muha yarahagaritse abantu bose bimba amabuye ngaha kuri uyu mutumba . Babigize imisi ibiri gusa  mugabo mu nyuma batandukira kwimba kandi.'' Nagira bantunganirize jewe ahahantu ndahabe mu mahoro''. 

Ku kibazo giterwa na Felix Hakizimana avuga ko ari umwe mu bana bo mu muryango, umupfasoni Gahimbare avuga ko atigeze amumenya gushika  mu 2011 aho yinjira muri sentare y'intango Isare . Ngo baramubwiye kubanza kumara imanza yafarise muri sentare ya Cibitoke hanyuma akabona kubaza ibijanye n'amatongo.

Gahimabre agira ati : '' Mwomfasha gute gutahura ingene jewe nagiranye amasezerano n'abantu incuro zibiri zikwiye neza  mu nyuma bagahindukira bakaja kugiriranira amasezerano  n'uwundi muntu atabubasha abifitiye?''. Muri ayo masezeranyo yateweko igikumu harimwo ayatagira ibiringo. Avuga ko Consolatte Kwizera,Francois Nkurunziza ,Ngakuriyo Jean Marie , Kwizera Oswalde na Ngendakumana Venant  aribo bariko baracukura amabuye n'urucekebue kandi baserukira uyo muntu atazwi nabo nyene atamasezerano bagiraniye. Ariko Consolatte Kwizera na Francois Nkurunziza yari yarigeze kubereka aho bokorera amasezerano agikora. Ngo nabo nyene bararengeje cane aho yari yabahaye naho ngo imyaka bahanye itari bwahere.

Kuri iryo tongo bahimba urucekeri n'amabuye ko kubaka. Gushika isaha zitandatu abakozi barashobora kuba bujuje ibeni igurwa ibihumbi mirongo irindwi (70.000 fbu). Mu kwezi bashobora kugurusha 1.750.000Fbu nkuko bivugwa na bamwe mu bacukura amabuye mugabo bakorera abandi aho ni mugihe nyeneho Gahimbare yaherutse sentare ihagarika ibikorwa vyose ariko Niyonzima Stanislas akabibandanya. Umukozi wese ahembwa kw'ibene imwe 18.000 fbu, hagatangwa ikori ry'ibihumbi bitanu (5.000 fbu) kw'ibine imwe.

Umwenegihugu aba aho kuri uyo musozi kandi akaba yaracunze iryo tongo igihe kitari gito avuga ko umupfasoni Gahimbare Eugénie ariko ararenganywa na Nzeyimana Stanislas n'umuhungu wiwe akora mu biro vy'umukuru w'igisagara. Agira ati : Uyo Niyonzima Sitanislas avuga ko yaguze ashaka gutwara n'ahatari ahiwe kuko atampapuro yigera yerekana yahaguriyeko''. Ngo kw'igenekerezo ry' 7 Myandagaro uyo Nzeyimana yarazananye n'umugungu wiwe akorera imirimo mu gisagara ca Bujumbura maze bashorera abakozi muri iryo tongo kwimba amabuye kandi guhereaigenekerezo rya mbere Ruhuhuma musitanteri wa komine Isare yari yarahagaritse ibikorwa vyose bikorerwa muri iryo tongo.

Umupfasoni Gahimbare Eugénie asaba abarongozi kwishikira kuri uyo mutumba birabire '' ako kamaramaza'' maze bagire ico bamufashije.




No comments: