Umukobwa w'inyagano niwe yatumye Namani akira imibembe.
Umukobwa mutoya w'inyagano niwe yabwiye inabuja ko sebuja, Namani, umukuru w'ingabo w'umusiriya ko yopfa gusa kuja kubonana na Elisha ko yokira imibembe yiwe.
Bujumbura, igenekerezo rya 19 Myandagaro, Gako News (Blog)
Mu rugendo rw'ivugabutumwa arimwo mu Burundi, Congo na Tanzaniya, umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie agarutse avuye muri Kongo yahereye ku gufasha abafise amaikoro make. Ni muri iyo ntumbero ku wa gatandatu igenekerezo rya 5 Myandagaro, umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie, umurundikazi asanzwe aba mu gihugu c'Ububirigi abicishije mw'ishengero Vivante ryo muri Zone Minago yatanze ifashanyo ku miryango 15 yo muri zone Minago , Komine n'intara ya Rumonge.
Mapendo Anne Marie yavuze ko mu rugendo arimwo rw'ivugabutumwa hari umuryango uba muri Amerika Lumande Joseph na Lumande Estella wamutekereye amazi none yipfuje gusabikanya n'iyo miryango agaceri n'uduharage abivunje muri ayo mazi yo kunwa.
Ahejeje gutanga iyo mfashanyo yarabananye akanya agatoya n'uwurongoye umutumba Minago aho yamutuye ikibazo c'abana bantahonikora 65 bakeneye ibokoresho vy'ishure.
Avuye muri ako kabonano yaciye aduga muri Komine Burumbi, ku musozi Rutwenzi aho yarongoye amasengesho imbere y'abapasitori barongoye urwo rushenegero muri ako karere. Ijambo ry'urufatiro ryari '' Agasembwa''. Mu nsiguro yatanze yavutse ko yahawe igikorwa co gutegura ''umugeni wa Kristo''. Umukuru w’ingabo w’umusiriya, ari we Namani, arakizwa indwara iteye ishishi inyuma y’aho Akisirayelikazi gaseruriye iciyumviro c’uko yoja kubonana na Elisha. Ngo umuntu ashobora gukora ibikorwa vy'Imana ariko afise agasembwa. Imibembe mu mvugo y'impwemu bisigura icaha. Mapendo ati : '' Abantu barashobora kuvuga bati uriya mu mama ni umuvuga butumwa ariko....,urya mugore ni mwiza ariko ari n'urusaku,urya mugore ni mwiza ariko arimana,urya mugore ni mwiza ariko arabesha,urya muririrmvyi ni mwiza ariko arasambana,urya mukozi w'Imana arakora cane ariko afise uburyarya, ako ni agasembwa''.
Namani yari umunyacubahiro ariko yarafise agasembwa kandi yagakijijwe kubera umuntu mutoya, umwigeme w'inyagano. Uyo muvugabutumwa yemeza ko igihe Imana yamuha igikorwa co kuyivugira yamusavye kwigira nk'umuntu atigeze yiga n'ishure rimwe. Ngo Namani yakijijwe ni uguca bugufi yumvira ijambo rivuzwe n'umuntu yafatwa ko ari muto. Yasavye abakristo kwihagararako mu gihe abiyita ko ari agahambaye kuri ino si bariko barabajugumiza.
Umviriza ; https://twitter.com/jubasuc1/status/1692829261361480188?s=20
No comments:
Post a Comment