'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, September 7, 2023

Urudandaza rw'uburobe rwarabateje imbere

Urudandaza rw'uburobe rwarabateje imbere. 

Bujumbura, igenekerezo rya 7 Nyakanga, Gako News (Blog) Bamwe mu bakenyezi bo ku mutumna Mvugo bahurikiye mu mashirahamwe bahisemwo gukora urudandaza rw'uburobe. Rurabateje imbere kandi baratanga n'amatagisi batidoga. 

Abakenyezi bo ku mutumba MVUGO ,muri Zone Nyanza-Lac, barihaye ihangiro nyamukuru ry'ugukora umwuga w'ubudandaji bw'ububamu abandi bita  uburobe.

Nkuko babimesha bavuga ko bahisemwo gukorera  mu mashirahamwe kugirango barangure urudandaza rwabo .

Abo bakenyezi bavuga ko  ata muntu n'umwe abafata mumugongo ngo abahe canke abongerereze umutahe.

Baremezako bakora  bunguka mu gihe atabusuma bugiyemwo ngo bibwe. Ingorane bafise ni uko haraho  imyumbati ibagora kuronka hafi cane.Kubera iyo mvo  yuko imyumbati  baca baja ku  buronderera mu bibanza bitandukanye vya komine Nyanza-Lac. Aho ni nko ku Muguruka na Mukungu. 

Abo bakenyezi nkuko navyiboneye  batanga ama tagisi ya komine kandi bakabigira ata gahato no kwidoga.

Barasaba intwaro muri komine Nyanza-Lac na canecane musitanteri asanzwe ari umukenyezi ko yobashigikira.



No comments: