'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, January 5, 2023

Ngo aho bigeze umuti wotorwa n'umukuru w'igihugu kuko baramwituye

Ngo aho bigeze  umuti wotorwa n'umukuru w'igihugu kuko baramwituye. 

''Nkubu ku wa gatandatu uheze itariki 31 haraje umuhuza w'abarundi Aimée Laurentine Kanyana  aho twahora dukorera azanana n'abantu bararitse kandi aha ntitubihisha Aimée Laurentine Kanyana kuva kera abirimwo nawe  kuko niwe ariko arakoresha izo koperative z'abakenyezi . Aho kuja kubasabira ayandi matongo bafashe aho dusanze dukorera. Naho tutashoboye kurima mu myaka iheze ntibaharimye kuko atavyo bashoboye''. - Bucumi Tito.  

Bucumi Tito icegera c'umukuru wa koperatice C.P.S.B ijejwe kugwiza imbuto ikaba ikorera mu ntara za kayanza na Ngozi  avuga ko ''ingorane bariko baragira ari uko bariko baraburagizwa mu matongo bari bahawe mu mategeko''. Nk'umuvugizi w'iyo koperative yemeza  ko ku  masezerano ya mbere Reta yari yahaye iyo koperative ihegitari 56  hanyuma ku masezerano ya kabiri iyiha ihegitari 46 aho ngo  yari yakuyeko ihegitari 10 iziha izindi koperative. Aho hashikirijwe ayandi ma koperative ngo abanywanyi ba koperative C.P.S.B bari bamaze kuhatunganya baranahatabira.

Ibi abimenyesheje mu gihe hari ikoperative yihagiye iryo tongo maze ryiha uburenganzira bwo kubandanya ibikorwa . Indongozi zegereye iryo tongo zabujije abari basanzwe baririmamwo maze bemerera  abashaha.  

Tito avuga ko umuti w'izo ngorane ari uko koperative yabo yosubizwa itongo yanayazwe kuko mu kibanza ca Nyanza baramaze ku hakorera ibintu vyinshi batako basaba n'ingurane zishika imiriyoni 200."Aho bigeze ubu, ni ukuri umuti wotorwa n'umukuru w'igihugu kuko twaramwituye tumwereka ingene turiko turarenganywa kandi twariko turakorera igihugu ariko murabona amashari yabaye menshi. Vyoca  mu biro vy'umukuru w'igihugu kuko twaramwandikiye tumubwira ikibazo dufise mbere washaka  no mu bushikiranganji bw'uburimyi n'ubworozi nahonyene birashoboka kubera umushikiranganji yafashe ingingo itariyo.''

Tito asaba abanywanyi ba koperative kurindira kugira ngo ababijejwe batore inyishu irama y'ico kibazo. Mu gihe vyonanirana  ngo bazohava bafata  izindi ngingo kuko ngo ntibokwemera gufatirwa amaboko i mugongo. Ku bijanye n'ukuvuguruzanya hagati y'indongozi , Bucumi Tito  avuha ko ubibariye imwe ivymva, iyi ntivymwe ngo baga bavuguruzanya bikomeye . Atanga akarorero ku w'urongoye zone Mugomera yakuye abanywanyi (27) ba koperative C.P.S.B ku kivi  avuga ko ari  musitanteri yamutumye  kandi uwurongoye amakoperative ku rwego rw'igihugu ANACOOP yari yavuze ko ivyabaye bidashoboka  maze abizeza kubandanya ibikorwa. 

Uyo munyamategeko avuga ko habaye ico bita ''vide de precedures''  kuko ngo n'ingingo yafashwe yamenyeshejwe uwitwa Karori Mbonakira kandi atariwe koperative. Akavuga ko uyo mukuru wa zone  yatse isuka abariko bararima akazigumiza kuri zone inisi ibiri yose yakoze amakosa akomeye. Ngo hamwe hoba ingorane abo bibazwa ni Aimée Laurentine Kanyana , musitanteri naho ngo avugira kure, DPEA hamwe n'umukuru wa zone Mugomera.

Ngo muri koperative bariko barageragezo ntihazobe imishamirano hagati y'iyo mirwi ibiri y'abanywanyi ariko mu gihe hoba ingorane bizobazwa indongozi zimwe uhereye kuri DPEA kuko ngo atigeze aja ku rubuga ngo ababwire ko ivyo basezeranye atarivyo bakoze. Ikindi yibutsa ni uko abo bantu bokwitegura kuriha amadeni koperative C.P.S.B yari yarafashe mu mabanki .

No comments: