'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, January 3, 2023

'' Mukama , ndagukunda'', ngayo amajambo ya nyuma ya Papa Benedicto wa XVI

     '' Mukama , ndagukunda'', ngayo amajambo ya nyuma ya Papa Benedicto.

Ugushingura Papa Benedicto  bitegekanijwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Nzero umwaka w'2023 isaha zitatu n'inusu mw'isengero ryitiriwe Petero Mweranda , i Roma, mu nzu yo munsi , mu kinogo cari cahambwemwo  Papa Yohani Paulo wa Kabiri imbere yuko yungururizwa  munsi ya alutari ya gasengero  kitiriwe umweranda Sebasiyano kuva ashirwa mu beranda mu mwaka w'2011. Ibirori bikazoba mu buryo buciye bugufi cane nkuko nyene gushengera i Bukama yari yaravyisabiye.  Yozefu Ratsinger akazohambwa ku metero 30 gusa avuye ku ruhafu rwa Petero mweranda.

Gushika isaha 8 zo kuri uyu wa mbere, abantu 40.000 bari bamaze kuza kunamira uwahoze arongoye ekereziya gatorika mw'isengero yitiriwe Petero mweranda. Abanshi muri bo baja guhoza Musenyeri Gänswein yahoze ari umunyamabanga wiwe kandi bagumanye gushika yitabe Imana.

Musenyeri Georg Gänswein avuga ko hari igihe c'isaha icenda z'ijoro buca ari igenekerezo 31  kigarama aho Papa Benedicto yavuga ijwi ritoyi ati '' Mukama , ndagukunda'.


No comments: