Aho umushikiranganji w'ubutungane atabaye akija mu ntara ya Makamba , kuri uyu wa kane igenekerezo rya 12 nzero muri iyo ntara hitezwe abashikiranganji babiri.
Nkuko biri mw'itangazo rya buramatari w'intara ya Makamba, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 12 nzero iyo ntara izo kwakira abashikiranganji babiri: Uw' inyubako,ibikoresho vya Reta n'uburaro hamwe n'uwo gushigikirana, agateka kazina muntu n'iterambere ridakumira.
Nkuko buramatari Ngoziranzana Francoise abimenyesha abo bashikiranganji bashaka kugirisha inama indongozi uvuye ku rwego rw'intara gushika ku mitumba, abadandaza, abarongoye amashengero, amadini , amashirahamwe, imigambwe n'amakoperative, abarongoye , abarongoye ibisata bitandukanye kuva ku rwego rw'intera gushika ku mutumba.
Biravugwa ko muri iyo ntara hari ibibazo . Aha hakavugwa cane ingorane ziri muri komine Nyanza-Lac zifatiye ku banyanwi b'umugambwe uri ku butegetsi hamwe n'iziri mw'ishengero EUSEBU
No comments:
Post a Comment