'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Sunday, January 8, 2023

Argentine : Mbega igikombe c'umupira w'amaguru kibitswe hehe

Argentine : Mbega igikombe c'umupira w'amaguru kibitswe hehe 

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu ca Argentine Chiqui Tapia yabaye agishika i Buenos Aires aca ashikanira Bikira Mariya igikombe c’umupira w’amaguru batsindiye.

Hari ku munsi w'imana igenekerezo rya 18 kigarama ,isaha 12 z'umugoroba mu gihugu ca Qatar ku kibuga Lusail mu gisagara ca Lusail igihe imirwi y'ibihugu vya Argentine n'Ubufaransa vyatangura gutana mu mitwe bihibanirwa igikombe c'umupira w'amaguru ku rwego rw'isi. Urwo rukino rwagira 64 rukaba n'urwanyuma muri iryo higanwa. Igokombe catwawe bigoranye n'umurwi wa Argentine.

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu ca Argentine Chiqui Tapia ntiyatevye yabaye agishitse mu gihugu ciwe yaciye atwara igikombe imbere y'isanamu y'umuvunyi w'igihugu ca Argentine. Umugabekazi w'i Lujan.

Ku girango ashimire cane Bikira Mariya kuri iyo ntsinzi  Chiqui Tapia yatwaye ico gikombe mw'isengero ry'i Lujan iri ku birometero 60 uvuye ku murwa mukuru Buenos Aires.


Aha twokwikubuka ko Lionel Messi yari yarakiriye maillot iteweko igikumu na Papa Fransinsiko ayishikirijwe na musenyeri Emmanuel Gobilliard.

 

 

 

 

 

 


No comments: