'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Sunday, January 22, 2023

Ngo abigeme barageramiwe

UNESCO riti: "" Muri 2001 hize 5000, mu 2021 hize 100.000 muri 2023 hazokwiga 0'' Mu gihe hasigaye iminsi ibiri ngo isi yose ihimbaze umusi mukuru wa hariwe inyigisho, inshirahamwe mpuzamakungu UNESCO ritera akamo abarongoye igihugu ca Afghanistan kureka abigeme ngo basubire ku mashure itakirinze gusabwa. Iryo shirahamwe rikoresha ibiharuro bisa n'ibiteye akababaro mu gusigura ako kamo. Hagati y'imyaka 2001 n' 2018, Afghanistan yaremereye abigeme kuja ku mashure ku rwego rushimishije. Abigeme biyandikishije ngo bige bavuye ku muriyoni umwe mu 2001 bashika ku miriyoni icumi mu 2008. Mu mashure matoyi, abigeme bavuye kuri zero mu 2001 bashika ku miriyoni 2 n'inusi mu 2018. Nkuko iryo shirahamwe ribandanya ribivuga, muri Myandagaro 2021, abanyeshure 4 kw'icumi bari abigenme. Muri zakaminuza, abigeme bagwiriranye incuro 20 baraheza bava ku bihumbi 5 mu 2001 bashika ku bihumbi 100 muri 2021. Muri ico gihe ngo urugero rw'inyigisho rwigwije kabiri ruva kuri 17% rugera ku 30% ufatiye ku myaka yose ku baja mu mashure. Ishirahamwe rikabona ko ari igitangaza kubona uyu mwaka ata mukobwa yemerewe kwiga mu mashure ya kaminuza.

No comments: