'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, January 19, 2023

Ikoraniro risanzwe ry'umugambwe CNDD-FDD

 

Mu gihe hasigaye imisi itatu ngo habe ikoraniro risanzwe ry'umugambwe CNDD-FDD, ikibazo kigaruka cane ni iki : Ninde agiye kubandanya arongoye umugambwe CNDD-FDD? Ico kibazo kibazwa cane kuko havugwa ko hashobora guhinduka bimwe mu ndinganizo z'uyo mugambwe.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 nzero , umugambwe CNDD-FDD watunganje amasengesho y'iminsi itatu yo gushimira Imana hariya mu w'Intara ya Gitega arinaho hazobera ikoraniro kaminuza risanze ryawo. Nkuko bivugwa na bamwe mu bitavye imisa yasomwe na Musenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Bonavanturo Nahimana ngo ni ukongeza ku vyiza Imana yabakoreye. Abegereye uyo mugambwe bavugako ayo masengesho asa nayo gutegura imitima y'abantu ku bizoba kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 29 aho bazo kwibukanya ko igihugu cubakwa na beneco maze batumiranire kuguma ku kivi bongereze umurindi w'ibikorwa bahindure Uburundi bucike igihugu giteye imbere.

Museneyeri mukuru Bonavanturo Nahimana ati : ''Ubwami twoharanira, ni bwami bukomeza ubuzima bw'abantu, bugakomeza amahoro mu gihugu''. Umwe mu banywanyi bakomeye b'umugambwe atashimye ko dutanga amazina yiwe ati : '' Abivuze nkuwabibonye.

Biracaza,

No comments: