'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Monday, April 15, 2024

Giteranyi : Imbere y'ukugurirwa ibigori babanza gutanga ibiturire


Giteranyi: Imbere y'ukugurirwa ibigori babanza gutanga ibiturire 

Bujumbura, igenekerezo rya 15 Ndamukiza, Gako News, Inyuma yaho abenegihugu babanje kwakwa ibiturire  muri komine Giteranyi imbere yo kugurigwa ibigori n'ishirahamwe ANAGESSA, musitanteri w'iyo komine, Umupfasoni Nduwayezu Floride yasavye ko intonde z'abatswe amahera bose zoba zashitse kuri komine kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza kugirango bayasubizwe.

Muri komine Giteranyi yo mu ntara ya Muyingsa inyuma y'aho abenegihugu bagurishije ibigori kw'ishirahamwe ryegukira Reta Agence Nationale Alimentaire du Stock de Securite Alimentaire (ANAGESSA) bidogeye ko imbere yo kugurirwa umwinbu wabo babanza gutanga ibiturire ku bagura ivyo bigori, musitanteri w'iyo komine, Umupfasoni Nduwayezu Floride yasavye ko abatswe amahera bose imbere yo kugurirwa unwimbu ko bokwiyandikisha kugirango bayasubizwe.

Nduwayezu asaba abatoje ayo mafaranga ko bokoresha bicishije bugufi umutimanama wabo hakiri kare gushira hagufi ayo batoje kugira asubizwe.

Bamwe mu bavukakomine basonga agatoki umwigeme Uwimana Evelyne bamwagiriza amanyanga yokoze muri iryo gurwa ry'íbigori.Uwo'nawe kuri uwu wa mungu igenekerezo rya 14 Ndamukiza ngo yari yatorotse agenda ajanye n'íbitabo yakoresha. Amakuru ava i Giteranyi akavuga ko ku mutaga w'úno wa mbere bari bamaze ku mushira mu minwe akaba yoba ariko arabazwa ivyo yakoze.

Hamwe uwutanze igiturire n'uwucakiriye bahanwa bose n'amategeko vyoshoboka ko abiyandikisha nabo bafatwa hamwe abayabasavye boba bamaze gufatwa.Vyongeye hamwe abayabasavye babihakana vyoca bigenda gute?Mbega hoho igitigiri c'ayo batanze ninde yocemeza mu gihe ataho bandikiranye.

No comments: