'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, July 13, 2023

Uburundi bubarizwa mu bihugu 10 vyanyomoje mu biturire kw'isi

Uburundi bubarizwa mu bihugu 10 vyanyomoje mu biturire kw'isi.

Mu mwaka w'2005, Uburundi bwagira 130, mu 2022 bwagira 171 ku bihugu 180 vyagizweko amatohoza n'ishirahamwe Transparency International. Ico gihe Uburundi bwari mu bihugu 27 vyanyomoje mu biturire.

Mu kiganira Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOM ku musi mpuzamakungu muri Africa wo kurwanya ibiturire igenekerezo rya 11 Mukakaro yaravuze ko Uburundi bwasubiye inyuma cane mu nzira yokurwanya ibiturire naho utwigoro twa Reta ari twinshi uhereye ku ngingo umukuru w'igihugu Varisto Ndayishimiye afatira abarya ibiturire.

Rufyiri ati : Uno musi Uburundi buri mu bihugu cumi vyanyomoje mu kurya ibiturire kw'isi.Mu mwaka w'2005 Uburundi bwagira 130, mu 2022 bwagira 171 ku bihugu 180 vyagizweko amatohoza. Ico gihe Uburundi bwari mu bihugu 27 vyanyomoje mu biturire''.

Ngo igihe Uburundi bwashira igikumu ku masezerano ahambaye yo kurwanya igiturire itari 18 Ndamukiza 2003 ,amashirahamwe kurwanya igiturire yari yahimbawe cane ariko ubu Uburundi bwarasubiye inyuma cane. Yaranababajwe cane n'ingingo ngo yoba iherutse gufatwa ishobora gufuta amashirahamwe agwanya igiturire .

Agarutse ku mabi y'igiturire, Gabriel yagize ati: ''Igiturire ni umwansi w'intwaro rusangi, igiturire ni umwansi w'iterambere, igiturire ni umwansi w'abantu bose kuko ahari giturire usanga akarwi k'abantu bakeyi baratunze cane mu gihe abantu benshi bamugajwe n'ubukene.Igiturire kiratuma abantu bararuka umutima.'' Yongeyeko ko igiturire kubuza gutera imbere urwaruka rw'ubu n'uruzoza.

Uwurongoye ishirahamwe yasavye abarundi bose gufata umunota w'agacerere isaha 12h46 uyo musi mpuzamakungu wo kwibuka igiturire muri Afrika ngo bazirikane ingaruka mbi zitegwa n'igiturire.



.


No comments: