'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, July 18, 2023

Ngo buca basubira kwerekana ko bashoboye

Ngo buca basubira kwerekana ko bashoboye.  

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Mukakaro abaririmvyi bafise ubumuga KB Swaga, Nipo Simple na Vichou Love  bazoremesha igiteramo bashigikiwe na Big Fizzo kuri Eden  Garden Ressort.  

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Mukakaro ku muhingamo mw'i hoteri Eden Garden Ressort iri kw'ibarabara rija mu Gatumba, abaserukiye ibigo bibiri arivyo UWIRAGIYE na Ngoga Patrick bisanzwe vyitaho abantu bafise ubumuga bamenyesheje ko bateguye igiteramo kidasanzwe kigizwe n'indirimbo n'utundi tugenegene muri ico kibanza nyene kizoba kiremeshejwe n'abaririmvyi bafise ubumuga  aribo Nduwayo Eduard : KB Swaga,  Eric Niyongabire : Nipo Simple hamwe naVichou Love  bashigikiwe na Mugani Désiré :  Big Fizzo kuri Eden  Garden Ressort. 

Umupfasoni Hélène Umukunzi ari mu bajejwe kumenyesha amakuru mu kigo

Uwiragiye yamenyesheje ko intumbero y'ico kiganiro kwari ukumenyesha igiteramo kidasanzwe kizoba kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Mukakaro kiremeshejwe n'abaririmvyi bafise ubumuga butandukanye kandi bashigikiwe n'abamwe mu nzobere z'umuziki mu Burundi.

Yitsa ijambo ry'umupfasoni Umukunzi , Nzeyimana Patience yaserukiye ikigo Ngoga Patrick yavuze ko ivyo bigo vyagiye hamwe kuko ibikorwa birangura bisa kandi atari urudandazwa nkuko bamwe babivuga. Yavuze ko ikigo Ngoga Patrick kimaze gufasha abantu barenga 3800 mu buryo bunyuranye. Patience yarashikirije ko abantu bafise ubumuga badashigikiwe kuko abantu babafata nk'uko ari abantu atavyinshi bashoboye.

Nkuko Umukunzi yabandanije abivuga kazoba ari akaryo kugutuma abaririmvyi bafise ubumuga biyumva kandi bashobore no kwegeranya uburyo bwo kugurira ibikoresho vy'umwaka w'ishure buca utangura abanyeshure basanzwe bakurikiranwa n'ivyo bigo .

Mugani  Désiré bita Big Fizzo nawe yagize ati : ''Ico mbabaza ni uko nogenda atawe nsigaranye ibi nkora''. Vichou Love yuhira ko '' be na Fizzo bazoza gusiga amavuta'' abo bandi batanguye guteramisha abantu''. Nipo Simple yicaye ku gatebe kagendagenda ati ;''Nshaka umukuru w'igihugu amenye ko ntari meilleur mu gusega mw'ibarabara , amenye ko ndi meilleur ku bikorwa''. KB Swaga mu kubashira aca aririmba ko birenze kwicarana na Fizzo hamwe na Vichou Love.

Muri ico gikorwa akaba atagahembo gategekeranijwe umuririmvyi Big Fizzo kiretse hamwe ababitunganije bobonye ko vyagenze neza cane maze bakamukengurukira nkuko bivugwa n'uwaserukiye ikigo Ngoga Patrick, Nzeyimana Patience.



Mu majambo bashikirije imbere y'uko abamenyeshamakuru babaza ibibazo vyarerekanye ko batanezerezwa cane n'amajambo amwe amwe akoreshwa iyo bariko baravuga uwo muce w'abantu. Aha ni nko umuntu amugaye, ikimuga, umuntu agendana ubumuga. Bahamagariye abantu gukoresha amajambo '' abaha agateka'' : Umuntu afise ubumuga . Vichou Love yavuze ko ukugendana ubumuga bisa ni ibisigura ko bene uyo muntu yahisemwo ku bugendana nkakurya umuntu ashobora kugendana terefone. Umuririmvyi Vichou Love yaciye asaba ashimitse ko abantu boreka kuvuga ngo abagendana ubumuga mugabo umuntu afise ubumuga. Ivyo vyasubiwe gusabwa n'umuririmvyi Eric Niyongabire bita Nipo Simple. Uyu akaba aherutse kugira ubugeni inyuma y'ukubica bigacika imbere y'umukuru w'igihugu  Varisito Ndayishimiye igihe hahimbazwa umusi mukuru wahariwe abantu bafise ubumuga.

Abaririmvyi  bafise  ubumuga barashimira cane ababatanguriye mu muziki. Abo ni nka Big Fizzo na Vichou Love. Ivyo biremezwa n'umuririmvyi Nduwayo Edouard azwi kw'izina rya KB Swaga asanzwe yiga kuri Penn Blind School. Iryo risanzwe riri mu Ruziba muri komine Kanyosha ryegukira ikigo Uwiragiye

No comments: