'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, July 20, 2023

Ngo kudandaza ibinyobwa utagira ubwiherero ni ukugora abaguzi

 

Ngo kudandaza ibinyobwa utagira ubwiherero ni ukugora abaguzi.

Hari uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Mukakaro ku muhingamo aho haduka ukutumvikana hagati y'abari baje kwivuna akanyota n'uwudandaza ibutike azwi kw'izina rya Anonciatte bita NYANZOBE ariko asanzwe anadandaza ibinyobwa vya Brarudi ku gasoko Gasenyi, Zone Gihosha muri komine ya  Ntahangwa.     


Bene kwivuna akanyota bakaba bamusavye aho bihagarika nawe arabarahira. Niko kubabwira ko boja gutanga amafaranga amajana abiri mw'isoko kugira baronke ubwihererero nabo ntibabishima . Bamusavye kuja kwihagarika aho bene urupango iyo butike isanzwe iriko arabankira. Haciye haba guterana amajambo. Ivyo navyo bikaba bitashimishije na gato abari ngaho kuko bavuga ko umuntu wese yihaye umugambi wo kudandaza ibinyobwa ko yoba afise n'aho bene kuvyihereza bihagarika. Basaba abarongoye  iyo zone gufata ingingo yo kworohereza abivunira akanyota ku tubutike bakunze kwita ku tudirisha.

Aha twokwibukako muri zone Kamenge ibintu nk'ivyo vyihaye inkumbi aho uwihagaraitse ku ruhome yaciye asogotwa na nyene urupango. 




No comments: