'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Friday, July 21, 2023

Marina ati :'' Mbega umukuru w'igihugu azoshika mu Kanyosha ryari ngo adutabare, turiko turaturatuzwa n'abodukingiye''

Marina ati :'' Mbega umukuru w'igihugu azoshika mu Kanyosha ryari ngo adutabare turiko turaturatuzwa n'abodukingiye''

Umupfasoni Ciza Marina w'imyaka 64 aba ku mutumba Ruziba, agacimbiri Wingare,zone na komine Kanyosha amaze guhamagarwa kuri komine incuro zitandatu ngo aburane mu ntahe y'icese n'uwo atazi ati:'' Mbega umukuru w'igihugu azoshika mu Kanyosha ryari ngo adutabare, turiko turaturatuzwa n'abodukingiye''. Ivyo bikabo uko mu gihe ubu Marina akitswe n'amagara adashobora kuduga amanuka aja kuburana nkuko vyemezwa n'umugabo wiwe Gwambiza Pascal.

Marina avugako ''amanyanga yose yakozwe n'uwahora arongoye sentare y'intango ya komine Kanyosha Ryambabaje Diomède hamwe n'umukuru w'abahuza ku mutumba Ruziba, ,Bigirindavyi Ferdinand batazira Sogo inyuma yaho abahuza bemeje ko atsindiye itongo musaza we yari yagurishije umuryango utavyemeye''.

Nkuko Marina avyigana igihe urwimo rwatera yahungiye mu gihugu ca Tanzania amarayo imyaka 15 harateba hagera aho aza kurunguruka ingene igihugu kimeze niko gusanga musazawe , umwe mu bana icenga- abakobwa batanu n'abahungu bane- yaragurishije itongo se wabo  yari yarabaguriye. Yaciye yitura abashinganatahe maze baremeza ko atsindiye iryo tongo kandi ko rigiye gusubizwa umuryango. Kubera ico gihe hari hakiri umutekano muke yaciye asubira gusubira inyuma.

Mu 2005 yaciye atahuka burundu maze aca atangura kuburanira rya tongo ryaguzwe na Harayandi Jean mu gihe abao bivukana bari bari tavye Imana kiretse Nyandwi Gabriel nyene kugurisha ryas tongo. Yituye intahe yo ku mugina mu ntumbero yo guhabuza iry tongo maze abana basigwa n'abo bavukana nabo baronke aho baba maze aratsinda musaza we igenekerezop rya 5 Kigarama 2022. Nyene gutsindwa, Nyandwi Gabriel yaciye yunguruza muri sentare y'intango mugabo yunguruza igihe categekanijwe cararenganijwe nkuko vyemejwe n'abahuza muri karitiye Ruziba bigashimangirwa n'iyandikiro ry'imanza muri sentare y'intango ya komine Kanyosha. 

Marina yahavuye yandikira ikete abahuza abasaba gushishikiriza urubanza bari baciye. Abahuza nabo baciye bandikira umukuru wa sentare y'intango ya Kanyosha bamusaba kubaha uruhusha rwo gushukiriza urubanza bari baciye narirya Nyandwi Gabriel nyene kunguruza yabikoze ikiringo camaze kurenga. Igenekerezo rya 17 Ntwarante 2023 abahuza bandikiye umukuru wa karitiye Ruziba, Manirakiza Omer  bamumenyesha ko bazoza gushikiriza urubanza rwaciwe igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2023 nkuko vyari vyategetswe na Ryambabaje  Diomède , umukuru wa sentare y'intango ya komine Kanyosha  mw'ikete yabandikiye igenekerezo rya 15 Ntwarante 2023 abasaba gushira mu ngiro kuko rwari rwacitse ingingo ntabanduka

Ciza Marina agatangazwa n'uko abahuza bamaze gutanga isango ry'igenekerezo tya  7 Ndamukiza 2023 batabaye bakiza. Marina agije ngo arabaza Bigirindavyi Ferdinand batazira Sogo, umukuru w'inyate yo ku mugina ya karitiye Ruziba yamwishuye ko wewe ategekwa n'umukuru wa senetere y'intango ya komine Kanyosha. Agerekako uyo murongozi yamubujije kurushira mu ngira kandi yari yarandikiye ikete urwo rwego gushira mu ngiro ivyavuye mu mburano y'igenekerezo rya 5 Munyonyo 2022 mu rubanza inomero 0020/OR/2022.  Bigirindavyi Ferdinand batazira Sogo yaciye arungika Marina kwa Ryambabaje Diomede nawe yamwishuye ati : '' Gende mufate umukuru w'abahuza. Nimba hari ikete nanditse rivuguruza irya mbere , muranshengeza''. 

Hagati aho abahuza barahamagaye Ciza  Marina  na Nyandwi Gabriel  ngo babumvikanishe. Bashitse kw'itongo nyene kugurisha itongo ntiyabonetse. Baca babarira Marina ko yokwakira imiriyoni zitatu.

Marina n'abamuherekeje harimwo n'umugabo wiwe Gwambiza Pascal bahavuye bafata ikite Bigirindavyi Ferdinand yandikiye umukuru wa sentare y'intango avuguruza ivyari vya fashwe n'abahuza uko ari 13 n' umukuru wa sentare  y'intango. Muri iryo kete ry'igenekerezo rya 19 Kigarama yabwira Ryambabaje Diomede ko yo kwakira urubanza rwa Nyandwi Gabriel yahisemwo kunguruza urubanza kandi ko ''akiri mu biringo bitegekanijwe n'amategeko''.  

Kubijanye no kumeneya ukuntu iryo kete ryakiriwe muri sentare kandi sentare yari yaramaze gutanga uruhusha rwo gushira mu ngiro urubanza rwacitse,  Ryambabaje Diomede  yavuze ko atariwe yakiriye iryo kete, ryakiriwe n'icababa ciwe. Marina ati:'' Akamaramaza maze guhamamagarwa kuja kuburana mu ntahe y'icese incuro zitandatu''. Icibonekeza ni uko  imwe muri iyo mitahe ntagikumu n'ikidodo ca sentare biriko . Sentare ivuga ko idashobora kwakira Nyandwi Gabriel mugabo ubu Ciza  Marina ahamagarirwa kuburana na nyene kugura itongo. Marina akavuga ko adashobora kuburana n'uwaguze itongo kuko we ntaco bapfa. 

Mu makuru nakuye mu benegihugu baho mu Ruziba ni uko umukuru w'intahe yo ku mugina  Bigirindavyi Ferdinand batazira Sogo asanzwe ahohotera abantu, akarya ibituriro. Ikindi ni uko ku rupapuro rw'amasezerano y'ubuguzi hagaragarako igipfungu cinshi: Abatey ibikumu si abanyamuryango ushitse wa Marina na musazawe. Itongo  ryubatswemwo amazu atari make hamwe n'urushengero  Eglise Pentecote Internationale de Jésus-Christ de Ruziba ryaguzwe amafaranga ibihumbi mirongo irindwi (70.000). 

Nagerageje kurondera kuri terefone Bigirindavyi Ferdinand batazira Sogo ndamubura. Uwahora arongoye sentare y'intango ya komine Kanyosha, Ryambabaje Diomède yaramaze kuronswa ayandi mabanga mu ntara ya Bubanza sinashoboye ku muronka.


No comments: