'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, November 2, 2023

Rwanda : Umuvugabutumwa Mukakiraba Félicité yitavye Imana

 
Rwanda : Umuvugabutumwa Mukakiraba yitavye Imana.  

Bujumbura, igenekerezo rya 2 Munyonyo, 2023 Gako news (Blog) Kuri uyu wa 1 Munyonyo 2023, yari inkuru y'umubabaro  mu '' baturagi'' cane cane mu bayoboke b'urushengero Holeb Briht Church aho vyamenyekana ko umuvugabutumwa -BISHOP- Mukakiraba Félicité  yitavye Imana inyuma yaho yaramaze imisi akitswe n'amagara. 

                                                     Umuvugabutumwa    Mukakiraba Félicité





Mukakiraba yararongoye urushengero Holeb Bright Church ruri mu karere Nyamirama, District Kayonzi mu gihugu c'Urwanda. Ni ku birometero 87 uvuye mu gisagara ca Kigali. Uyu '' mushumba '' yarazwi cane muri ako karere kuko yarafise uburambe mu kurongora amashengero kandi akaba yaranafashijije abantu benshi mu vyo kwemera Imana no muvyo kubaho na nyarirya yatanga ivyo atunze atitangiriye itama nkuko vyemezwa n'abakristo bo muri urwa rushengero. 


Mu kwezi kwa gatandatu 2023,
umuvugabutumwa Mukakiraba Félicité  yaratumiye mugenziwe Mapendo Anna Marie asanzwe aba mu gihugu c'Ububirigi mu gikorane c'ivugabutumwa cabereye ngaho kuri urwo rushengero kikaba camaze imisi itatu. Mapendo yaherekejwe n'umupasitori Niyonzima Pierre Claver wo mu rushenegero Eglise du Rocher  Ku musi wanyuma w'igikorane - igenekerezo rya 21 Rusama 2023-  Mapendo Anne Marie yagize  ati : '' Imana yacu ntimenyerwa. Imana yacu irikwije, ntamuhanuzi ifise, ikubwiye ku gendera muri A ni A, igutegetse kugendera muri B ni B''. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Munyonyo 2023, Mukakiraba yaraye yitavye Imana Dukuzeyesu Esperance, umudikonikazi wo muri Holeb Briht Church ati: '' Data ari ku murimo kandi yisubije uwe, natwe tuwuriko mudusengere''. 





No comments: