'''' '' '#9ForumChine-Afrique: 50 milliards de dollars pour 1,3 milliards d'habitants pendant 12 mois.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Monday, July 22, 2024

Umuririmvyi Kwizera Jean Claude yamaze iki

Umuririmvyi Kwizera Jean Claude yamaze iki

Bujumbura, igenekerezo rya 22 Mukakaro,2024, Gako News (Blog) Kuva mu 2023, Album imwe, indirimbo 15 zaririmbwe mu bihugu bitandukanye , umuririrmvyi Kwizera Jean Claude nibwo buryo yahisemwo bwo kwamamaza ijambo ry'Imana. 

Kwizera Jean Claude ni umuririmvyi w'indirimbo ndoramana benshi bamenyereye kwita Gospel. 

Mu kiganiro yagiranye na Gako News (Blog) ahejeje kuririmba imwe mu ndirimbo ziwe zikundwa cane n'abakristo '' Agasuzuguro aragatembagaje'' kwísengero Vivante ryo mu Minago aho yari yatumiwe n'umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie, umuririrmvyi Kwiizera Jean Claude yavuze ko kuva atanguye kuririmba mu 20213 amaze gukora album imwe igizwe n'indirimbo 15 akaba amaze kuziririmbira mu bibanza no mu bihugu bitandukanye.

Yagize ati: '' Maze kuziririmbira mu ntara zitandukanye z'igihugu c'Uburundi ndetse no hanze yaco aho novuga nko mu Rwanda aho zakirwa neza cane ku buryo nanje ubwanje ntangara cane bikananshimisha''.

Yatannguye kuririmba yimenyereza amaze ''kwakira Kristo Yesu nk'umwami n'umukiza w'ubuzima bwiwe''  mu 2005 mu mugwi w'abana bita Sunday School ariko yatanguye kubikora kugiti ciwe nk'umuririmvyi mu 2013 niho yasohora indirimbo ya mbere muri studio.


Kubwiwe ngo indirimbo za gospel n'izo bita profane naho imidiho ari imwe ariko itandundukaniro ni message(ubutumwa) buri muri izo ndirimbo  gospel ivuga Imana(icO iri,ibiyigize,n'ivyo ikora) mu gihe profane nayo ivuga umuntu  buntu. bivuze rero uwa gospel atanga message yitwa imana hama uwa prof atanga nawe atanga message yitwa umuntu.


Muri kino gihe ariko ategura album ya 2 hamwe n'igiteramo  muri Myandagaro .


Ku bijanye n'ivyo uko umuririmvyi wa gospel  yoshobora gutungwa n'uko kuririmba  vyonyene nk'akazi avuga ko ''usivye ko aha mu Burundi i wacu bitarakunda kubera hari agahaze kubera imvo nyinshi zitandukanye kandi zikomeye nkuko biri mubihugu bibanyi n'ahandi abaririmvyi bbikora bafatanije n'ibindi naho bitoroshe kuri bo''. Ngo babikora nk'umuhamagaro baufise ubarimwo.


Kwizera Jean Claude yize amashure y'intango  kuri Mushasha I mu Gatumba, igice ca mbere c'amashure yisumbuye kuri Saint Pierre Claver i Makamba. Igice ca kabiri yacize  mu Kajaga kuri EPCM aho yaronkeye urupapuro rw'umutsindo A2 mu vyo gusuzuma ingwara (Laborantin).Arubatse .

 

No comments: