'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, July 27, 2024

Mugerama : Ni nde yagandaguye Minani Ismaël

 Mugerama :  Ni nde yagandaguye Minani Ismaë


Bujumbura, igenekerezo rya 27 Mukakaro,2024 Gako News (Blog)  Mw'íjoro ry'ígekerezo rya 26 Mukakaro 2024 Niyonsaba Labani yakekwa kugandagura umushingantahe Minani Ismael akoresheje imbugita yararekuwe n'inyamiramabi za Komine Nyanza-Lac zimumaranye imisi 7 .

Hari mw'ijoro ryo kuwa 18 Mukakaro ,2024 aho umushingantahe Minani Ismael w'imyaka 62 yahora akoresha ngendanwa inomero 66197909 yaratahutse i muhira iwe avuye ku murwa mukuru wa Komine Nyanza-Lac, ashitse kw'írembo iwe ku mutumba Mugerama hafi yaho bita kwa Kameme urenganye gato ibarabara rija mu Kazirabageni yagandagurwa hakoreshejwe imbugita zacumiswe mu gikiriza. 
Bukeye  mu gitondo c'igenkerezo rya 19 Mukakaro ,2024 inyamiramabi zataye muri yompi  Niyonsaba Labani akoresha ngendanwa inomero 61 81 64 25 yikekwa kugandagura Minani Ismael. 

Hagati y'umuhisi Minani Ismael n'uwakekwa ku mugandagura hari hasanzwe amatati afatiye kw'itongo riri aho bita kwa Kameme. Mu mburano zari zarabaye Niyonsaba Labani yari yaratsinzwe haba ku mutumba no muri komine. Minani Isrel yagandaguwe ku musi wa kane buca bashikirizwa uko urubanza rwagenze ku wa gatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro . Iryo tongo risanzwe ririmwo n'utuzu twidandarizo kandi higeze no kurangurirwa ibikorwa vy'ubuvuzi- Centre de Sante  Minani Ismael yari yariguriwe n'umwe mu muryango wiwe kandi na se wa Niyonsaba Labani yari mu vyabona aho ryagurwa.


Inyuma y'imisi 7 gusa ababuze bakigandaye inyamiramabi zaraye zirekuye Niyonsaba Labani nkuko bivugwa n'abenegihugu baho i Mugerama. Abegereye umuryango wabuze bavuga ko Minani Ismael atariwe yicimise imbugita ziraha babonanye agahinda ko uwamugandaguye ategerezwa kumenyekana bahereye kubo baribafitaniye amatati.  Niyonsaba Labani  akaba ariwe aza kw'isonga hamabavua y'uwitwa Hanani akoresha iterefone numero  69 772 486.

Bamwe muri abo benegihugu bavugako kuva uwo yikekwa afashwe hari abantu babiroyemwo kugira ngo apfungurwe . Abo ni Nashukuru ngendanwa yiwe ni 61195227 hamwe na Dabo ari kuri 68235366. Muri abo benegihugu kuri uyu wa gatandatu mu gitondo babariye Gako News (Blog) ko bikeka ko hatanzwe ibiturire mw'irekurwa rya Niyonsaba Labani kandi batinya ko hoshobora kuba ukwihorahorana mu miryango mu gihe hatoboneka mu maguru masha uwagandaguye Minani Ismael. 




 

No comments: