'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, March 9, 2024

Umukuru w'igihugu yaramushimiye kubera ubwira

 Umukuru w'igihugu yaramushimiye kubera ubwira

Bujumbura, igenekerezo ry'9 Ntwarante ,2024 ,Gako     News (Blog) Niyonizigiye Aline ni umukenyezi umwe muri 14 baronkejwe ubushimwe n'umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye igihe hahimbazwa umusi mukuru wa hariwe uburenganzira bw'abakenyezi  hariya mu ntara ya Gitega kuri uyu w'8 Ntwarante  .

Ibahasha n'urupapuro rw'iteka ni vyo umukuru w'igihugu yashikirije umukenyezi  NIYONIZIGIYE Aline w'imyaka 35 afise abana bane , babiri b'abahungu na babiri b'abakobwa wo muri Komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba.

Amashure yayarangije 2014, aho atatevye kuba umuremeshakiyago mw'ishirahamwe ACORD Burundi ku mitumba ya Nyabutare na Kabo mu nyuma yahavuye akorera muri INADES Formation Burundi kuri iyo mitumba nyene. Arangije ivyo bikorwa yahavuye atanguza amashirahamwe y'abakenyezi mu kubereka ukuntu bokwitunganiriza imigambi ivyaza umusaruro yongera abigisha iterambere ryuzuye mungo.

Uretse ivyo  arafasha kandi abenegihugu gutunganya amatongo yabo, akabigisha gutera kijambere, akabigisha kunywanisha. Amaze kubona ko abarimyi bagira ingorane mu kuronka imbuto yaciye atanguza ishirahamwe ryo kurwiza imbuto baca baryita ISHIRAHAMWE TURWIZUMUCERI.. Nkuko bivurwa nabahurikiye muri iryo shirahamwe  ngo ''kubera iciyumviro ciza yakoze, ubu imbuto abenegihugu bayironka vyoroshe''.   


Mu mahangiro harimwo kuronsa  imbuto zirobanuye  kandi zakurikiranwe na BBN . Muri kino gihe akurikirana abarimyi 15 ariko abahugura kuba abarwizambuto, ariko ku bandi barimyi abamwituye arabereka nk'umuhinga amaze kumenya vyinshi ku buhinga bwo gutera ivyimburwa.

Zimwe mu  ngorane yagize ni zokubura ibikoresho nk'imachine igosora kugira haboneke imbuto imezeneza. Iyindi ni ukubura isoko bivanye n'uko abarimyi batarigishwa neza akamaro kogutera imbuto irobanuye

No comments: