'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Monday, March 11, 2024

CNL: ''Inkinamico'' yabereye i Ngozi

 CNL: ''Inkinamico'' yabereye i Ngozi. 

Bujumbura, igenekerezo ry'10 Ntwarante ,2024, ''Ikurwa ku burongozi bw'umuganbwe CNL ni inkinamico''. Ivyo bivugwa n'úmushingamateka Pamphile Malayika atemerewe kwinjira mw'íkoraniro kaminuza ry'umugambwe asanzwe arimwo kuri uyu w'Ímana ryatunganijwe mu ntara ya Ngozi. 

Hari kuru uyu w'Imana igenekerezo ry'10 Ntwarante 2024 aho bamwe mu ndongozi z'umugambwe CNL batunganya ikoraniro kaminuza  hariya mu ntara ya Ngozi, intara isanzwe ivukamwo umushingamateka Agathon Rwasa yahora arongoye uyo mugambwe kandi agirako asubiriwza ari mu rugendo mu gihugu ca Kenya. 

Umushingamateka Pamphile Malayioka asaba umushikiranganji w'intwaro yo hagati ''kutemeza ivyavuye mw'ikoraniro ridakurikije amategeko''.

Umushingamateka Pamphile Malayika yatowe mu ntara ya Muyinga ari mubari bashigikiye umushingamateka Rwasa Agatho atanga imvo zitanu avuga ko zemeza ko iryo koranira kaminuza ryabaye ridakwije amategeko. Agita ati: " Ikurwa ry'umushingamateka Rwasa Agathon ku burongozi bw'umugambwe ni inkinamico''. 

1. Ninde yari gutumira ikoraniro kaminuza ry'umugambwe CNL

Twisunze amategeko yo 20219 yemejwe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati  rivuga ko umuntu afise uburenganzira bwo gutumira ikoraniro kaminuza ari umushingamateka Agathon Rwasa ariwe arongoye umugambwe gushika uno musi.Uwundi ni umunyabanaga w'umukuru w'umugambwe ariko ivyo biba mu gihe umukuru w'umugambwe afatiriwe nízindi mvo zidasanzwe. Uwundi ashobora gutumako bene iryo  koraniro ni uwo bita Doyen d''age. Uyo nawe aritumako mugihe umukurtu w'umugambwe númunyabanga bafatiriwe. 

2. Doyen d''Age ntaburenganzira yarafise bwo gukoresha ikoraniro kaminuza

Uyo ahabwa imisi 60 yo gutunganya ikoraniro kaminuza ngo hasubirizwe abo bantu babiri vyagaragaye ko batakiri ku bikorwa bashinze. Muri CNL nta narimwe umukuru w'umugambwe canke umunyabanaga ntibigeze babura.

3. Ku gira ikoraniro nkiryi ribe ni ukubio uburongozi bw''umugambwe baba bwarakiye ubushikiranganji bw'intwarao yo hagati busaba uruhusha kandi ubwo bushikiranganji bukemerea itunganywa ryíryo koraniro kaminuza. Buraheza bukarungika n'intumwa zabwo ziza kuraba ibibera muri iryo koraniraniro kaminuza. 

Umushingamateka Malayika atanga uturero tw'amakoraniro nkayo yari aherutse kuba ko nábaserukira ibihugu vyabo bahishikiye kandi akitabwa n'impande zose z'umugambwe, bagashikiriza uko babona umugambwe wotunganywa kandi ivyiyumviro vyashikirijwe bikumvirizwa. 

Kuri iri koraniro kamiza ryabereye i Ngozi ngo yaba komiseri w'akarere yaba buramatari w'intara ya Ngozi ntibigeze berekana urupapuro rurekura itunganywa ry''íryo koraniro. Umushingamateka Bizimungu Simon ngo yatanguye gusaba urwo rwete imbere y''uko iryo koraniro riba ariko mu bushikiranganji ntibamwishuye. Abagize ibiro vya politike  bemewe n''ubushikiranganji kuva mu 2019 hamwe nabo bita membre statutaire ntibagirishije inama kandi basanzwe bashigikiye uwahora arongoye uyo mugambwe, Umushingamateka Agathon Rwasa.

4. Ibwirizwa shingiro ryarahonyanzwe

Umushingamateka Malayika avugako mw'íkoraniro kaminuza ryaraye ribereye i Ngozi ibwirizwa nshingiro ryahonyanzwe umuntu yisunze ibice vyaryo 80 na 10 havuga ko ubutegetsi butivanga mw'ítunganywa ry'imigambwe. Ngo  '' Uravye ukuntu buramatari twirigwanye umusi wose, igipolisi citeguye neza, aba komiseri b'uturere bari bahari, bamusitanteri'' abo bose bari baje gucungera iryo koraniro kaminuza ariko bakabuza ko abagize ibiro vya politike hamwe n'abashinmateka bakandagiza ikirenge ahariko habera ikoraniro riberekeye urabona ko ryari rishigikiwe n'ubutegetsi''.

5. Corum ntiyari ikwiye

Ngo kugira corum ikwire ni uko 2/5 vy'abagize ibiro politike baba bitavye iryo koraniro nkuko vyemezwa n'ubushikiranganji bw'íntwaro yo hagati. Mu mugambwe CNL ivyo biro bigizwe n'inyankamugayo 25 vyumvikana ko hategerezwa kuba 16 muri ariko 19 bose ntibemerewe kwinjira mw'ikoraniro. '' Ako kose ni agatosi kerekana ko iryo koraniro ritari rikwije amategeko''. Hariho abamenyeshamakuru babujijwe kwinjira muri iryo koraniro kandi ngo ryategerezwa kubera ku mugaragaro kandi ngo vyongeye ntabarorerezi nk'abamwe baserukira ibihugu vyabo ngaha mu gihugu bari bahari ngo bemeze ivyabay.

Vuba muzoshikirizwa ico bene gutunganya iryo koraniro kaminuza babivugako ni amahigwe yo kubaronka yaboneka.

No comments: