'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Monday, February 19, 2024

Bubunza : Ibikorwa vy'umugambwe AND-INTADOHOKA vyahatswe kuburizwamwo

 

Bubunza : Ibikorwa vy'umugambwe AND-INTADOHOKA vyahatswe kuburizwamwo. 

Bujumbura. igenekerezo rya 19 Ruhuhuma, 2024, Gako News (Blog)  Mu gihe umugamwe AND-INTADOHOKA wari uramutse wugurura icese ibikorwa  mu ntaqra igira gatandatu ariyo Bubanza, ibikorwa bigahakwa kuburizwamwo n'ubuserukizi bwa Komine Bubanza, Kobako Gaspard awurongoye agiye kwitura ubushikirangaji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere rusangi.


Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2024 ryariryo sango ubuserukizi bw'umugambwe AND-INTADOHOKA bwari bwatumiye abaserukira iyindi migambwe n'amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike  mu bikorwa vyo gutanguza icese ibikorwa vyawo mu ntara ya Bubanza. Ibikorwa nyezina vyabereye mu nyubakwa ya Croix Rouge iri ku murwa mukuru w'iyo ntara , iruhande y'ingoro y'umugambwe uri ku butegtsi , CNDD-FDD. 

Kobako Gaspard arongoye uyo mugambwe avuga ko ivyo bikorwa vyahatswe kuburizwamwo na bamwe mu ndongozi za komine Bubanza mu gihe bari basanzwe barabimenyeshejwe. Ngo ivyo vyagaragaye mu kudashaka ko ivyo bikorwa bibera muri ico kibanza no mu gutegeka abajejwe ico kibanza guca ivyuma biduza amajwi mu gihe ngo komine yaziga ko hazoba abantu bake yisanga hari abarenga 240. Kobako ati :'' Ngira niyamirize ncishije mu nyandiko uko gushaka kuburabuza ibikwa vyacu mu gihe hari haciye amayinga abiri twarabibamenyesheje kandi bakavyemera''.

Mw'ijamabo Kobako Gaspard yashikirije  abasangirarugendo  n'abatumire yarashimye uruhara  umwe wese yakoze kugira ivyo bikorwa bitunganywe neza. Yaciye abipfuriza umwaka  mushasha mwiza, ngo ''umwaka wo  gushinga imizi no gushamika''  kugira  umugambwe  ushike ku ntsinzi mu matora yimirije mu mwaka w’i 2025.  Ati :" Nta nkeka iyo ntsinzi tuzoyishikako mu gihe umurindi turi ko wobandanya, Nti habe guhororokerwa, nti dusamare canke ngo dusamazwe na basesankuyoze n’abandi bivugira ayasunitswe n’impemu, n’ibindi vya ndamutumutore, kugira ngo intsinzi ntiduce mu myanya y’intoke''. 

Agaruka ku butwari bafise yabibukije  ko ari bo babaye ''imbanzaguseruka'', aho ngo babonye ibitagenda neza hakiri kare, aho bahoze, kuri bamwe mu bagize umugambwe wabo. Yongerako ati :'' ''Muramane uwo mutima wo kuba Abasangirarungendo bindyamunyu, bakarorero, mwame muri imbanzaguseruka koko, mu kubera urumuri izindi ntara zizovuka, mu mihingo itandukanye vy’isi: Amerika y’epfo n’iya ruguru, Aziya, Oseyaniya na Ostraliya; eka aho hose bishoboka. Mw’ijambo rimwe, mushinge icumu mu makungu. Nyakubahwa Musangirarugendo urongoye intara ya gatadatu ya AND-INTADOHOKA''. 

Ngo: “nti vyari vyoroshe, ariko vyari bikwiye” .  Yarangije abipfuriza ''gukora ibishoboka kugira Uburundi bube igihugu caronse iterambere rirama, intwaro ya Demokarasi ishingiye ku gihugu kirangwa n’amategeko, bwubashwe kandi bwubahirijwe mu makungu''. 


No comments: