'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Wednesday, May 24, 2023

Yitavye Imana biturutse ku mpanuka z'umuduga

 

Yitavye Imana biturutse ku mpanuka z'umuduga 

Rusama 23, Bujumbura (Gako ) Dusabe Salama yitavye Imana biturutse ku mpanuka y'ibeni vyankiye kuduga .

Hari igihe c'isaha zibiri z'agatondo kuri uyu wa kabiri igenekerezo ryas 23 Rusama 2023 kw'ibarabara bita ku matafari muri karatiye Nyabagere, zone Gihosha, komine Ntahangwa aho imodoka yo mu bwoko bwa bene isanzwe isomba umusenyi n'amabuye ibikura hafi y'urushengero rwa Methodiste , kuri Kaminuza Hope Africa ishami Gishingano yananirwa kuduga maze ica isubira inyuma ihitana umwe mubariko baramanuka ako gasozi.

Umupfasoni Dusabe Salama yarikumwe n'umugabp wiwe bakivuye aha basanzwe baba kuri ako gasozi niwe yitavye Imana mu gihe abantu batari bake babona iyo modoka isubiranyima n'umuvuduko udasanzwe bagaca biruka. Dusabe yarikumwe n'umugabo wiwe Nduwimana Selemani yagaerageje kuyihunga biba ivyipfagusa.

Abaporisi, uwurongiye karitiye Nyabagere, Nibizi Didace bahavuye bahashika maze habona kuba ituze kuko hari abantu basha gukubagura uwariko agendesha iyo modoka.Ikiziga cahavuye kijanwa mu buruhukiro ariko bikavugwa ko kirara gifubwe kuko yari ansanzwe ari umwisiramu. Imodoka yaciye ijanwa muri PSR nkuko bivugwa n'uwurongoye karitiye Nyabagere.


No comments: