'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, May 11, 2023

Léonce ati :'' Ndara ntasinziriye kubera imisonga''

Léonce ati  :'' Ndara ntasinziriye kubera imisonga''. 

Inyuma y'imisi 18 aborejwe igufa n'akagwi karongowe na Ndacayisaba Eduard ,umumenyeshamakuru Léonce Shirambere asaba ubutungane gutunganirizwa.

Shirambere agira ati : '' Jewe Shirambere Léonce sinejerejwe na dosiye yanje iriko iradindizwa iri mu butungane . Uno musi haraciye imisi 18 naritwariye uwitwa Eduard Ndacayisaba n'akagwi k'imbonerakure bafatanya mu gukizura mugabo uno musi bakaba bacidegemvya kandi narashikirije ibirego nawe akiregura mugabo akaguma yudegemvya. Ivyo nasavye ntibiriko birishurwa uko narindavyiteze kandi amagara yanje abandanya gusinzikara''

Kuva ahuraguwe n'ako karwi ngo amagara yiwe yateye asinzikara cane.''Ubu tuvugana naraye ntanziriye kubera ububabare butegwa n'imisonga''.

Umumenyeshamakuru Shirambere yaraguye kwishuza urubanza rwiwe ariko ico yamenye ni uko inyamiramabi zo kuri zone Gihosha muri komine Ntahangwa zakiriye iyo dosiye '' zokoze iyo dosiye zitihuta maze ziyishira aho yategerezwa kuja''.

Ivyo bikaba vyarateye amakenga uyo mumenyeshamakuru asanzwe nawe yarize amategeko. Niko gusaba ubutungane guca urwo rubanza hisunzwe amategeko agasa n' abamenyeshamakuru ku mushigikira na nyariga yagiriye ivyo vyago mu ibikorwa vy'umwuga wo kumenyesha amakuru.

Nkuko vyabonetse mu rwandiko rwashizwe ahabona n'ubuyobozi bw'ikinyamakuru Burunga News asanzwe akorera mw'ijoro ryo kw'igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2023 akagwi k'abantu barongoye n'uwitwa Eduard Ndacayisaba bategeye uyu mu mumenyeshamakuru baramukubita mbere baramukomeretsa. Icegeranyo Co kwa muganga cerekanyeko yakomeretse ku maboko, ku jisho no mu mbavu nkuko vyateweko igikumu n'ubuyobozi w'ico kinyamakuru, Désiré Nimubona igenekerezo rya 2 Rusama buca hahimbazwa umusi wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

Ni kuri uyo musi nyene bamwe mu barongoye amahuriro y'abamenyeshamakuru mu Burundi bashikiriza ko mu vyo kumenyesha amakuru ibintu vyifashe neza kandi ata mu menyeshamakuru apfunzwe. 

No comments: