'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Sunday, May 14, 2023

Pasitori Ndayavugwa avuga ko urushengero arongoye ruriko ruraburagizwa

            

Pasitori Ndayavugwa avuga urushengero arongoye ruriko ruraburagizwa.

Ngo haraciye indwi zitatu abakristo bo mu rushengero Pentekote Yera batanguye kuburabuzwa na bamwe mu batware . Ivyo bakagira baciye kubiri n'ingingo ya Buramatari w'intara ya Bujumbura, Ir Nsengiyumva Désiré. 

Urushengero Pentekote Yera ruri ku gacimbiri Buhayira, umusozi Kwigere, zone Benga , komine Isare. Rukikijwe n'amashengero EECA , Adventiste, gatorika, Emmanuel, Rocher na Methodiste. Ayo mashenger yose akaba ari kuri gacimbiri Buhayira. Kubera uguturatuzwa hasigaye hasengera abakristu  40 ku 200 yahora ahasengera. 

Nkuko vyiganwa na bamwe mu bakristo bakihasengera  urwo rushengero ngo bari bamaze imyaka 7 bakorera mu nzu bakose ariko aho bumviye ingingo y'ubushikiranganji isaba amashengero kudatunganiriza amasengesho mu bibanza nk'ivo, baciye biyumvira kwimuka ariko imbere y'ivyo hari hamaze kwaduka ukutumvikana hagati y'abakristo na nyene gupangirwa, Pasitori Aroni. 

Pasitoro Batungwanayo Eliya ati : '' Abana b'uwo dupangiye ariwe Pasitori Habonimana Aroni barakubita abakristo akanka ko tubahanisha, bamwe mu muryango wiwe bafatwa mu busambanyi kandi mpande y'urushenegero ntiyemere ko tubahano twisunze uko urushenegero rubitegekanya, yatungira inka muri urwo rushengero kandi akabagira zimwe murizo imbere y'urwo rushengero. Amaze kumva ko tugira tuhave yaciye arondera bamwe mu batware bo hasi bo mufasha kutuburizamwo kandi yarasanzwe ari icegera canke''. Ibi biremezwa na Ndayishimiye Ernest yaraherutse kuronsa urwo rushengero ikindi  kibanza  bariko barubakamwo imbere y'uko urushenegero rutangura gusamburwa. 

 Pasitori Eliya Ndayavugwa avuga ko ibintu vyadabutse kuva aho   yandikiye uwurongoye zone Benga  akongera akandikira uwurongoye Komine Isare abamenyesha bagira bimure urushengero rwabo kuko ngo babona ivyabo biriko birasanzara .  Inyishu  ngo yaronse haje abaporisi maze baca bamujana kumupfunga. Hagataho Buramatari w'intara ya Bujumbra yari yaranditse ikete yemeza ko urushengero rwo ku muhana rufuswe mugabo mugabo ntivyabujije Pasitori Aroni Habonima ko aca yubaka urushengero rutoyi akanasiga amaranga akagerekako n'izina kuko navyiboneye. Aho hose ngo hari abatware baguma barondera Pasitori Eliya ngo bamupfungishe ariko abajejwe amategeko mu biro kwa Buramatari basukamwo mabisi. 

Ico gihe indongozi zamwagiriza ko ataruhusha yarafise rwo kwimura urwo rushengero. Musitanteri wa komine Isare ngo yavugako ico kibanza ari ica Reta mu gihe kuva igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016 urwo rushengero  rwaronse uruhusha rwo kuhakorera. Musitanteri akavuga kandi ko urwo rushengero rutakurije ingongo isaba amadini gutandukanwya n'ikirometero. 

Haraheze indwi zibiri icegera c'umutumba Kwigere ariwe Vianney Ntirampeba aranduye icapa kiranga urushengero Pentekote Yera cari gishinze kw'ibarabara RN. Nkuko bivugwa n'abahegereye muri iryo joro nyene haciye haza akarwi k;abantu bataramenyekana basambura uruhome rwari rumaze kubakwa rw'urwo rushengero.

Pasitori Eliya ikabaza igituma ariko araburagizwa  hamwe n'urushengero araongoye. Asaba ko uburenganzira bwabo bwo gusenga bwo kwubahirizwa akogerako habekamwo ibiturire muri iyo dosiye  kandi ngo umukuru w'igihugu yavuze ki ibiturire vyahagaze. 

Mu gihe nashiak aho urwo rushengero rwahora nasanze Pasitori Habonimana Aroni yicaye muri ako kazu kubatse ku rugo iwe maze ambaza uwunzanye aho hantu. Yarambujije gufata isanamu nimwe kuko ngo ntaburenganzira ndafitiye. Ibi bikaba vyaranatangaje abari bahari kuko naramwidondoye maze ndamubwira ikingenza. Amatwi ansumira yoba yaciye asaba abaporisi ko bobanguka kugira bampagarike. Ngerageje kurondera kuri terefone umwe mu bavugwa muri iyi dosiye sinamuronse.



No comments: