'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, May 9, 2023

Mbega buca ikiyaga Tanganyika cugarwa


Mbega buca ikiyaga Tanganyika cugarwa

Mu gihe hasigaye imisi 3 gusa ngo ingingo yo guhagarika kuroba mu kiyaga ca Tanganyika mu kiringo c'amezi atatu (kuva igenekerezo rya 12 Rusama gushika igenekerezo rya 12 Myandagaro ) yafashwe n'ibihugu bisangiye ico kiyaga ije mu ngiro, abenegihugu canecane abatunzwe ahanini n'ifi n'ibikorwa bibera kuri ico kiyaga barindiranye igishika ico abarongoye Uburundi bashikiriza. Aho ni mugihe abashingamateka bateye ivyatsi iyo ngingo bakavuga ko ataco izkungura abatanzaniya.

Umwenegihugu atashatse kwivuga izina w'i Kabonga muri komine Nyanza-Lac ati : '' Jewe mfise imyaka mirongo itatu. Navukiye ngaha, nkurira ngaha. Ako noba maze kurara ntariye ifi no gahurura mu buzima bwanje. None hamwe bokugara ico kiyaga noca nja hehe? Aho hakurya hoho ababaserukira mu ntwaro baravyanse. None Samiya azovuguruza abashingamateka?''

Ibihugu bisangiye amazi y'ikiyaga Tanganyika navyo akaba ari Uburundi, Tanzania, Zambiya na Zambiya vyateye igikumu ku rupapuro rwemeza ingingo yo kubungabunga ubutunzi ntangere ico kiyaga gifise. Ivyo bikaba vyaremejwe n'umuyobozi y'ivyo uburovyi mu Burundi Deo Ndikumana abibajijwe n'ikinyamakuru ABP.

Mu nyuma igenekerezo rya 12 Rusama 2023 ryahavuye rifatwa ku gira ngo igikorwa co kugara ikiyaga Tanganyika ku geza iryo genekerezo Myandagara 2023 , guryo amezi atatu abe akwiye ico kiyaga kigaburira abantu batari bake cugaye.

Mu ndwi iheze, bamwe mu bashingamateka bo mugihugu ca Tanzaniya bararahiye bararengwa ko iyo ngingo itoja mu ngiro mu gihe ataco yongereza mu buzima bw'abatoye, abatanzaniya.



No comments: