'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, September 5, 2024

Uyo mugambwe nti uri mu kwaha


Uyo mugambwe nti uri mu kwaha
 

Bujumbura, igenekerezo rya 4 Nyakanga,2024  , Gako News -Blog Umugambwe CODEBU Iragi rya Ndadaye nti uri mu kwaha k'umugambwe uri ku butegetsi kandi naho wokwiyunga n'iyindi migambwe mu matora yimirije uzokwifatanya n'imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD-  Kefa Nibizi, umukuru w'uyo mugambwe. 

Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya mbere Nyakanga,2024 umugambwe Conseil pour la Democratie et de Developpement Durabler du Burundi- COEDBU Iragi rya Ndadaye waratunganije'' ikoniro risanzwe ry'abahizi'' mu ntara nshasha ya Bujumbura kw'ijambo ry'urufatiro : '' Bahizi, haguruka twerekane ubuhizi mu guhanira  no mu gutsimbatazaintwaro rusangi no kugwanya akarenganyo  mu matora ya 2025 na 2027.  

Mu ntumbero yo kwifatikanaya n'abanyagihugu bahanzwe n'ikibazo co kwiyunguruza Kefa Nibizi arongoye uyo mugambwe yashitse mu kibanza caberamwo iro koraniro- EN Ngagara ari ku maguru. Ntiyatevye kubwira abari bativye iro koraniro ati : ''Aha mubona twoba tugikwirwa mu kwaha.Ntihagire uwubahenda CODEBU Iragi rya Ndadaye ni umugambwe uri mu yitavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi''. Ku bijanya n'amatora yimirije yagize ati :''Nagira mbwire abantu bazi ko bazotsinda amatora ya 2025 na 2027 babanje guhinyanyura ko bitazobashobokera . Ubu ni ligne rouge''. 


Yaciye agirako asaba umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu guhagarika  gutoza intereraro y'amatora mu rudavagi. Iyo ntererano n'ubu ikaba itozwa icese mu mu masoko y'igisagara ca Bujumbura aho ni nko mu Kamenge. 


Nibizi Kefa yarunganiye uwurongoye CODEBU Iragi ryua Ndadaye muri Bujumbura,Sindayigaya Salvator mu kugaragarza akababaro kavuye kw'ikubagurwa ry'uwurongoye uyo mugambwe muri Komine Ntahangwa.  

Mw'ijambo ryasomwe n'umukuru w'uwo mugambwe Kefa Nibizi, hibonekezamwo akababaro n'amakenga uwo mugambwe ufise kuntaro rusangi mu Burundi.

'' Iduga ry'ibiciro riva ku bukene bw'amahera y'agaciro hamwe n'amakorii n'amatagisi v'umurengera Reta itoza abenegihugu.Itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mimwaka w"2024 ushira uw'2025 ryaje gusongera isibe  ubukene abanyagihugu barimwo kubera ryadugije amakori n'amatagisi cane kandi ryerekanye ko abatwara igihugu batarajwe ishinga  n'ubukene bwugarije abanyagihugu.Mu gihe abategietsi bo hejuru badugije uburusho bahabwa , amakori n'amatagisi vyongerejwe ku banyagihugu. Amahera atozwa ku nyobwa birimwo umwambiro mwishi-liqueurs- yavuye ku bice miro 50 aja ku bice 20 kw'ijana. Imitobe yarashijeko itagisi bita surtaxe mu gifaransa itahora itozwa y'ibice 25 kw'ijana. Isukari ivuye hanze  ivuye hanze y'igihugu yarashizweko amakori n'amatagisi  itahora iriha. Ayo nayo ni aya:  ikori ryo kugira yinjira mu gihugu  ibice 25 kw'ijana, TVA ibice 10 kw'ijana. N'ubwo Reta yakuyeho itagisi yahora irihisha isukari iviye hanze, ayo makori n'amatagisi azotuma ikiro c'isukari  gitozwa n'imiburiburi amafaranga arenga 950 , urumva ku makori yahora itozwa hagiye kujako amafaranga 350.Amahera arihishwa utrupapuro berekanirako ivyo umuntu avuye kurangiura hanze  yavuye ku bihumbi 10  aja ku bihumbi 100. Mu gihe abafise amayengero yo gukanya amavuta  bahora batangishwa amahera y'impusha ageraranye bagiye guhora batangishwa amafaranga ari hagati y'ibihumbi amajana atatu hamwe n'umuriyoni . Itagisi bita forofetere ryahora ritozwa imodoka  ryarakuweho risubirizwa amafaranga 25 kw'iritiro ryose imodoka inyoye . Ivyo bizotuma  iryo kori riduga cane. Nka karorero imodoka probox  iduga mu ntara za ruguru yahora iriha ibihumbi 50.000 gusa  igiye kuzoriha n'imiburiburi ibihumbi . Ivyo bizotuma bakora bahomba  canke ibiciro vyo kwiyungueruza biduge.Ayo makori n'amatagisi yashizweho atahoraho  yashizwe ku nyagihugu kuko ariwe muguzi wa nyuma  kuko kenshi na keshi ivyo akora bidaheza ngo biboneke . Mu gihe igihugu gikenye igitoro bimwe biteye ubwoba, umugambwe CODEBU warababajwe n'ingingo yo kubuza abazana  ibitoro babikuye mu bihugu  bibanyi.

                     

Kubera ivyo umugambwe CODEBU Iragi rya Ndadaye usaba  Reta ko : 

1. Mu gihe co gusubiramwo amafaranga ikoresha yosubiza amakori n'amatagisi ku rugero  yarariko  kugira itezurire abanyagihugu . 

2. Uburusho bwahawe abategetsi bamwe bamwe  bwokugwaho , amafaranga yabwo akaja mw'iterambere ry'abanyagihugu.

3. Reta yokorohereza iyinjizwa ry'ikidandazwa cose  ca nkenerwa kibuze mu gihugu

4. Igitoro catswe abanegihugu  bo mu gihugu ca Congo bari baje kusahiriza  cosubizwa atakirinze gusabwa  hamwe vyoba bitarakorwa 

5. Ingingo zogupfunga abadandaza bafashwe mu makosa y'urudandazwa rw"amegendo  ahaubwo bagatozwa amahadabu akwiranye n'urugero rw'icaha  bakoze kuko kubapfunga ari ukuremereza Reta ariko ibatoje amahadabu Reta ica yunguka kabiri

6. Mu gihe amafaranga aguma ata agaciro bivuye kubura amafaranga mvamakungu, Reta yo kwemera ivyo isabwa n'abasanzwe abafasha Uburundi : Kubahiriza agateka ka zina muntu, gutegura ibiganiro bidakumira, intwaro ibere mu vyo ubutunzi .





No comments: