'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, September 19, 2024

"Ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye

''Ni mubanze.mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu"-Perezida Varisito Ndayishimiye.

Bujumbura, igenekerezo rya 19 ,2024 Gako News (Blog),  Mu gihe  SOSUMO yakuye ikiro c'isukari ku mafaranga  3300 ikagishira ku 8000 ,umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye yavugiye mu nama mu Cankuzo ati :"Indongozi , ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu.Mwiyumvire abenegihugu ''

Perezida Varisito  abona ko imvo ziduzwa ry'isukari zidafashe. Arico camutumye gutegeka  umushikiranganji w' ubudandaji asanzwe avuka muri iyo ntara nyene kuja gutohoza kuko ngo SOSUMO yavuga ko umufuko w'isukari uvuye mu gihugu ca Uganda ugurwa amafaranga 400.000 mu gihe mu vyo umukuru w'igihugu yatohoje ugurwa amafaranga 243000 Aho nyene wazanywe n'umudandaza yakuye amahera y'agaciro kuri ya masoko y'ikinywabi ariko SOSUMO iyakura muri BRB.

Perezida Varisito ati :"Aho nta kantu mwumvamwo?".Abanyabuhumuza bamuhunda amashi.

Ayo mashi ntiyagarukiye aho. No ku mbuga ngurukanabumenyi kwari uko . Ariko bamwe basovya bati:" None ingingo yafashwe ni iyahe?" . Ni nde atwara SOSUMO? ". Kizigenza asa n'uwamaze kwishura. : "Twarabahaye inka bayica amabere. Umwana apfuye ,umuyaya  aca ataha".

Abakunda gutwenza nabo bijandajandira bati :" Naho botaha, Général de Gridage Aloys, ADG wa SOSUMO azokwisubirira mw'ikambi". 

Ivyo bimeze uko mu gihe iryo shirahamwe rifata ingingo zo guha uturusho tw'u murengera bamwe mu barirongoye. 


Ku rupapuro-gakonte kiwe kuri Facebook, umwenegihugu yagize ati :"' Iki kibazo ari hamwe Reta yogikurikirana ikaja hagati yabaguzi na SOSUMO ata guhengama, Reta izoba ikoze igikorwa iherebwa ububasha n'amategeko, co gukingira umuguzi ibihuhusi vy'ibiciro biturutse ku busambo bw'amashirahamwe arondera inyungu z'umurengera abanje gupfukama umuguzi mu nda."

SOSUMO iciye ija ku rutonde rw'amashirahamwe Reta y'Uburundi ifisemwo imitahe ikomeye nka ONATEL, OTB n'ayandi umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye yaneguye ukuntu akora ahomba kandi Reta idahengeshanya kuyashigikira. Kuri ONATEL hoho yabajije ati : " Uwoyigira iyo iwanyu, yohomba?"'.

Kuri uyu mugoroba narondeye bamwe mu ndongozi z'iryo shiramwe nsitwabaronka.Nkizera kubaronka aho bukera ngo batange umuco. 

#Burundi #Ubutunzi #Ibiciro #Isukari #SOSUMO


No comments: