'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Sunday, October 29, 2023

Komine Nyanza yakenyere ikibazo co gufungura nabi

 Komine Nyanza yakenyere ikibazo co gufungura nabi. 

Bujumbura, igenekerezo rya 29 Gitugutu,2023 Gako News (Blog) Biciye ku mugambi nkuriza, Komine nshsha ya Nyanza iri mu ntara nshasha ya Burunga ngo yarahagurukiye ikibazo co gufungura nabi. 

Umugambi nkuriza uriko uratunganirizwa  ku mitumba yose igize  iyo komine Nyanza isanzwe ihana imbibe n'ibihugu bibiri, Tanzaniya na RDC, ikagirwa n'amakomine yo mu ndinganizo ya kera ya  Mabanda, Vugizo na Nyanza-lac. 

Nkuko bivugwa n'umwe mu borosha b'uwo ugambi Sosthene Butoyi muri zone Nyanza-Lac , uwo mugambi ufashwe mu mugongo n'ubushikiranganji butanu hamwe n'amashirahamwe nka FMI,BM na ACTION AID. Ngo harashizweho imigwi kuri buri mutumba. Ubu rero hateguwe pepiniyeri  z'irengarenga,amashu n'ibiti kuko uyo mugambi ntiwasize inyuma gukingira ibidukikije.

Aha twokwibuka ko uyo mugambi uherutse nugutanga imbuto z'ibigori, ifumbire bita Urée na Fomi. Kuriyo migwi nyene y'abafise ibimenyetso bikomeye vyo gufungura nabi na cane cane kubera iyo komine ifise abenegihugu baba abo intara ya kera ya Cankuzo. Abantu 11 nibo bashizweho kuri buri mu tumba kugira ngo bakurikirane ibikorwa vyowo. Ntihibagiwe n'abagize imigwi itatura amatati ku mitumba . Uwo mugambi ukazomara imyaka itatu.








No comments: