'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, September 14, 2023

Burundi : Imvura izotasura hagati y'amagenekerezo ya 10 na 2o Nyakanga

 Burundi : Imvura izotasura hagati y'amagenekerezo ya 10 na 2o Nyakanga.

Bumbura, igenekerezo rya 14 Nyakanaga, Gako news (Blog) Mu Mugamba, Bututsi, Migwa,Imbo, Buyenzi, na K

irimiro , imvura izotasura hagati y'amagenekerezo ya cumi na mirongo ibiri. Ivyo tubisanga mu rwete ubushikiranganji bw'ibidukikije, uburimyi n'ubworozi bwasize ahabona ku wagatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga  .

Umushikiranganji Niragira Sanctus aramutwa ubwo bushikiranganji asigura ko bufatiye ku makuru ajanye n'ingene agatasi kazoba kameze uyu mwaka, uretse ivyo bice tuvuze aho hejuru mu bindi vyose izotasura hagati ya mirongo itatu Nyakanga na cumi Gitugutu.

Niragira Sanctus asaba abarimyi ko tokwihutira gutera  kuko ngo imvura ntiranywesha. Avugako iyo mvura izoba iri ku rugero ruri hejuru ugerereanije y'iyindi myaka. Yibukije kandi abantu baba ahantu hakunda gushikirwa n'imyuzurira  nko mu Gatumba n'ahandi ko boba baritegura mu kugwanya impanuka  zishobora kubashikira, abarimyi nabo bagategura ibiterwa birinda imvura.

No comments: