'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, March 4, 2023

Perezida Varisito Ndayishimiye amenyesha ko urwaruka n'abaminuje amashure bariko barata ibiguhu bitaratera imbere.

 

    Perezida Varisito Ndayishimiye amenyesha ko urwaruka n'abaminuje amashure bariko barata ibiguhu bitaratera imbere.

Kuri
uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Ntwarante  umukuru w'igihugu c'Uburundi  Varisito
Ndayishimiye yashikirije ijambo hariya i Doha mu gihugu ca Katare imbere
y'abakuru b'ibihugu n'amareta barenga 40 , umupfasoni Fatima Rabab arongoye urwego rw'ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere nawe nyene akaba aturuka muri kimwe muri ivyo bihugu hamwe  n'umukuru w'inama
mpuzamakungu ONU Antoniyo Guterese
.

Umworoshanama
yari umukuru w'igihugu ca  Malawi Lazarus
McCarthy Chakwera akaba ari nawe
arongoye umugwi uhurikiyemwo ibiguhu bifise amikoro make kurusha ibindi ahejeje
gushikiriza ijambo ryo kwakira abashitsi yahaye ijambo umunyabanga mukuru wa ONU
hanyuma umukuru w'igihugu ca Katare, igihugu kiri ku birometero  3985 uvuye i Bujumbura, Cheikh
Tamim ben Hamad Al Thani.

Haciye hashikirwa abakuru b'ibihugu n'amareta. Uwambere yahawe ijambo ni
Perezida Varisito Ndayishimiye.
Mw'ijambo ryamaze
iminota 12, umugenzi w'urwaruka yatanguje Imana arihereza ku Mana. Yatanguye
ashimira abatunganije iyo nama yo ku rwego mpuza makungu , umukuru w'igihugu ca
Katare ku gatima afise ko gufasha abandi  n'abenegihugu arongoye basanzwe
ari nabakeyi . Avuga ku bihugu bifise amikoro make, yashikirije ko ikiza
COVID-19, ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ukutumvika mu bavukana vyatumye ivyo
ubutunzi vyunyuka muri ivyo bihugu. Uburundi bwobwo ngo bwasonzwe n’ibihano vy’agahotoro bwari bwarafatiwe. 


Perezida Varisito yavuze ko rimwe na rimwe ivyo ibihugu
vyifise vyemerera ibihugu bitaratera imbere bidashirwa  mu ngiro. Yaciye ahamagarira ivyo bihugu kwiga
ubundi buryo bwo kurwanya ubukeneye. Aha akaba yaciye ataznga akororero k’Uburundi
bwize uburyo bushasha bwo kwiteza imbere. Muri iyo ntu,bero ngo Uburundi
bwaciye bushira imbere urwaruka n’abakenyezi mu kubaronsa abanki ituma baronka
ingurane. 


Perezida Varisito abona ko ibihugu
bitaratera imbere    urwaruka n’abantu bize cane babiturukamwo baguma babihunga. Agira ati :
Nk’uwujejwe urwaruka nashaka ndabasabe mvugire urwaruka  rwo mu bihugu bitaratera imbere navyo vyinshi
bikaba bituruka muri Afrika kandi atakindi rusaba atari ugushirwa mw’itunganywa
ry’ibiraba iterambere. Yemejeko hari isano ririnini hagati y’iterambere n
umutekano hamwe n’urwaruka.


Nk’uwurongoye umuryango z’Afrika y’ubuseruko
yasavye amakungu ko atokwirengagiza umutekano muke uri mu gihugu ca Kongo.
Arangije gushikiriza iryo jambo abandi bakuru b’ibihugu baciye babandanya
gushikiriza ibijanye n’ibihugu barongoye. Iyo nama yatangujwe n’inama y’abakuru
b’ibihugu n’ama reta kuri uyu wa gatandatu ikazorangira ku wa gatanu
igenekerezo ry’9 Ntwarante.


Igihugu ca Katare kiriko kiberamwo
iyo nama mpuzamakungu  ntikirenza uburinganire
bw'ibirometero kwadarato  11500  mugabo kiri mu bihugu vyifashe muvyo
ubutunzi ku buryo gifise indege 238 zashoboye kunguruza ingenzi  zirenga
29.000.000 mu myaka w'2019. Uburtunzi bwaco muri rusangi bubarizwa 
 mu miriyaride 285 y'amadorari y'abanyamerika.












No comments: