Kw'isoko mu Kamenge ibiciro vy'ibifungurwa vyaraduze
Kw'isoko mu Kqmenge ibiciro vy'ibifungurwa vyaraduze. Muri twatuzu dufungurirwamwo n'abokorera aho kw'isoko agasahani kavuye ku 1000fbu kaja 1500fbu,ivoka ryavuye ku 500 fbu rija ku 800fbu.
Winjiye mw'isoko usanga abaje kugura ibifuyngurwa bariko barishishitira basa n'abaterana imiragwe n'anagurisha ivyo bidandazwa. Umwe yavuze uko imisi ihera ariko ibiciro biduga. Bamwe mu bariko baragura ibifungurwa kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ntwarante bavuga ko batagituma abana canke abakozi gusuma kuko bahava bibaza ko amafaranga babahaye bayakoresheje ibindi. Muri susangi ibifungurwa nka vyose vyaraduze igiciro ku rwego rwa 10% ugereranije n'uko vyagurwa mu kwezi kwa mbere 2023.
Ubajije ikibitera, inyishu ziri imirwi gutatu:
1. Ntituzi ico bivako,, tubona baduza uko bukeye.
2. Imana irabibona.
3. Inyuma yo kumara umwanya baraba mu maso uwabajije, bishura bati : '' Ntunkwegere''.
No comments:
Post a Comment