Basaba kumenyeshwa icinyigeje inyuma y'ibura ry'igitoro.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ntwarante bamwe mu bagendesha imiduga bavuga ko baraye ku ma sitasiyo atanga igitoro kugira bashikirwe. Aho ni nko kubituro bibiri vy'igitoro interpetrol na Libajash OIl yoba yegukira umushingamateka Gabriel Ntisizerana.
Abagendesha imiduga bavuga ko badatahura ukuntu igitoro cama kibura mu Burundi ariko mu bindi bihugu vyo mu karere k'Afrika y'ubuseruko ntikibure. Bamwe bagata ishavu ku bajejejwe gutunganya urwo rudandazwa. Aho ni aho umuyobozi mukuru w'ishirahamwe Regidezo, Dr.Ir. Major Jean Albert Manigomba atangarije ku bimenyashamakuru ko igitoro ari umwanya n'umwanya kigashika kandi kihari cinshi.
Bamwe mu bunguruza abantu ku mapikipiki bavuga ko ubuzima bwabo bugeramiwe n'ibura ry'igitoro. Umwe wo muribo ati : '' Ndaraba kuduga mugabo nkibaza ico noserukana imbere y'umugore n'abana''. Barakwiye kuduhishuka icinyegeje inyuma y'iri bura ry'igitoro''.Umutama yaravuye ku macuniro muri kino gitondo yavuze ko ashobora kwikorera akazigo ava i Sororezo agatwaye ku Buterere maze agashika ibitugu biri mu gukebana narirya ahanini aca nta pikipiki canke tukutuku bihashika kandi taxi adashobora kuyihagarika naho yoba yaremewe gute kuko atagira ayo kuyiriha ugureranije n'utwo ashoye. Abakura inyama aho ku macuniro bazirema umutwe kuko ngo ivyo kwiyunguruza ku vyuma babiheruka amakinga akihashika. Umwe ati : Niko biri ariko si ko vyategerezwa kumera, twizere ko bizohinduka umusi uri izina''.
Abakurikiranira hafi ikibazo c'igitoro mu Burundi bavugako hari ibintu bitavugirwa hejuru mu rudandazwa rw'igitoro mu gihe hariho abategetsi batandukanye. Ivyo vyari vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri, umukuru w'ishirahamwe OLUCOM mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru muri ino ndwi.Aho yari yasavye ko abatetsi bova muri urwo rudandazwa ariko bukeye kabiri inama yatunganije kuri Kadesh yaciye iburagizwa n'abaporisi kw'itegeko ry'umukomiseri wo mu gisagara ca Bujumbura. Aho icatangaje benshi ni uko iyo nama yo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ubutunzi yari yuguruwe n'uwuserukira umushikiranganji w'intwaro yo hagati ico giporisi gikukira hamwe n'uwaserukiye umukuru w'igisagara nyene gutanga uburenganzira kuri iyo nama.
No comments:
Post a Comment