'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, March 4, 2023

Perezida Varisito Ndayishimiye amenyesha ko urwaruka n'abaminuje amashure bariko barata ibiguhu bitaratera imbere.

 

    Perezida Varisito Ndayishimiye amenyesha ko urwaruka n'abaminuje amashure bariko barata ibiguhu bitaratera imbere.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Ntwarante  umukuru w'igihugu c'Uburundi  Varisito Ndayishimiye yashikirije ijambo hariya i Doha mu gihugu ca Katare imbere y'abakuru b'ibihugu n'amareta barenga 40 , umupfasoni Fatima Rabab arongoye urwego rw'ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere nawe nyene akaba aturuka muri kimwe muri ivyo bihugu hamwe  n'umukuru w'inama mpuzamakungu ONU Antoniyo Guterese.

Umworoshanama yari umukuru w'igihugu ca  Malawi Lazarus McCarthy Chakwera akaba ari nawe arongoye umugwi uhurikiyemwo ibiguhu bifise amikoro make kurusha ibindi ahejeje gushikiriza ijambo ryo kwakira abashitsi yahaye ijambo umunyabanga mukuru wa ONU hanyuma umukuru w'igihugu ca Katare, igihugu kiri ku birometero  3985 uvuye i Bujumbura, Cheikh Tamim ben Hamad Al Thani.

Haciye hashikirwa abakuru b'ibihugu n'amareta. Uwambere yahawe ijambo ni Perezida Varisito Ndayishimiye. Mw'ijambo ryamaze iminota 12, umugenzi w'urwaruka yatanguje Imana arihereza ku Mana. Yatanguye ashimira abatunganije iyo nama yo ku rwego mpuza makungu , umukuru w'igihugu ca Katare ku gatima afise ko gufasha abandi  n'abenegihugu arongoye basanzwe ari nabakeyi . Avuga ku bihugu bifise amikoro make, yashikirije ko ikiza COVID-19, ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ukutumvika mu bavukana vyatumye ivyo ubutunzi vyunyuka muri ivyo bihugu. Uburundi bwobwo ngo bwasonzwe n’ibihano vy’agahotoro bwari bwarafatiwe. 


Perezida Varisito yavuze ko rimwe na rimwe ivyo ibihugu vyifise vyemerera ibihugu bitaratera imbere bidashirwa  mu ngiro. Yaciye ahamagarira ivyo bihugu kwiga ubundi buryo bwo kurwanya ubukeneye. Aha akaba yaciye ataznga akororero k’Uburundi bwize uburyo bushasha bwo kwiteza imbere. Muri iyo ntu,bero ngo Uburundi bwaciye bushira imbere urwaruka n’abakenyezi mu kubaronsa abanki ituma baronka ingurane. 


Perezida Varisito abona ko ibihugu bitaratera imbere    urwaruka n’abantu bize cane babiturukamwo baguma babihunga. Agira ati : Nk’uwujejwe urwaruka nashaka ndabasabe mvugire urwaruka  rwo mu bihugu bitaratera imbere navyo vyinshi bikaba bituruka muri Afrika kandi atakindi rusaba atari ugushirwa mw’itunganywa ry’ibiraba iterambere. Yemejeko hari isano ririnini hagati y’iterambere n umutekano hamwe n’urwaruka.


Nk’uwurongoye umuryango z’Afrika y’ubuseruko yasavye amakungu ko atokwirengagiza umutekano muke uri mu gihugu ca Kongo. Arangije gushikiriza iryo jambo abandi bakuru b’ibihugu baciye babandanya gushikiriza ibijanye n’ibihugu barongoye. Iyo nama yatangujwe n’inama y’abakuru b’ibihugu n’ama reta kuri uyu wa gatandatu ikazorangira ku wa gatanu igenekerezo ry’9 Ntwarante.


Igihugu ca Katare kiriko kiberamwo iyo nama mpuzamakungu  ntikirenza uburinganire bw'ibirometero kwadarato  11500  mugabo kiri mu bihugu vyifashe muvyo ubutunzi ku buryo gifise indege 238 zashoboye kunguruza ingenzi  zirenga 29.000.000 mu myaka w'2019. Uburtunzi bwaco muri rusangi bubarizwa   mu miriyaride 285 y'amadorari y'abanyamerika.


No comments: