Saturday, July 25, 2026

Chris : ‘’Arya ni amabuye bariko barantera’’

 Chris :     ‘’Arya ni amabuye bariko barantera’.’  

Bujumbura, igenekerezo rya 25 Mukakaro 2026, Gako News  -Blog Mu gihe abantu barenga 200.000 bitabiriye igikoane Kanguka, abarenga 5.000 bagafata ingingo yo guhinduka, 8 bakitaba Imana biturutse ku misunikano, 9 bagakomereka hanyuma bagakira bose, Chris Ndikumana avugako umuryango kanguka witayeho ababuze n’abakomeretse kandi ko ataje kwisigura ariko yibutsa ko ibiriko biba vyari vyarabaye kandi ko Shetani ishaka gusamaza abantu ngo hibagirwe ibitangaza vyakoretse.


Nimwatangura kuzazanirwa, mugatangra gucika intege nashaka ndabasabe mwibuke ivyo Ndiho ariko arakora muri kino gikorwa ca Kanguka.- Chris Ndikumana

Inyuma y’indwi imwe iheze habaye igikorane ‘’
gikomeye mu vyari bimaze kuba mu Burundi’’ gitunganijwe n’umuryango Kanguka havugwa vyinshi hakandikwa vyinshi harimwo n’ibitutsi nkuko bivugwa na Chris Ndikumana.

‘’Twagiye kumva inkuru mbi mu nyuma yuko hari abantu batashe bagira isanganya, baragundana, ba,ze baragwa, bamwe barakomereka , abandi barahasiga ubuzima.Twarasengeye iyo miryango, twaragerageje kurondera ababuze , turababa hafi, turafata mu mugongo uko dushoboye, kandi n’ubu trakomeza gusengera imliryango yigumye.Ico dushoboye cose turagikora. Nkuko nabibabwiye ibihe nkibi birashika. Nabawiye ko ari isanganya kandi muri bibiriya vyigeze gushika ‘’.

Uyu muvugabutumwa atanga akarorero k’abami babiri muri bibiriya : Dawudi yigeze gutaha bavuye mu ntambara batsinze ariko bashitse muhira basanga igisagara bagituriye baja abagore n’abagabo. Ngo bararira gushika naho babura inguvu zo kurira.

Chris avuga ko uko abantu bameze  ari uko iyo habaye ibintu  barondera uwo babibatako. Muri ico gihe baciye batora amabuye ngo bayatera Dawudi. Uyo nawe ngo yariremesheke kubera Imana yiwe. Na Musa igihe cose habaye ingorane mu bubaragwa akasa bayata kuriwe. ‘’Abantu bariko barantuka arya ni amabuye bariko barantera. Bantera amabuye bashaka kunyagiriza i,fpu zabo bantu ariko murazi  ko ari isanganya ryabaye nkuko iceheranyo cabivuze  kandi sinje ngaha ngo nisigura ariko ndabibutse ko abantiu boreka gusamara kuko ikintiu Shetani ashaka  kutudusamaza twibagire Ivyo Imana yakoze uriya musi w’igikorane’’.

Ngo ubu umuryango Kanguka uriko urahamagara abantu barenga 5.000 basavye guisengerwa . Iyo ngo ni intsinzi Shetani adashaka. Umuntu wese yabuze umuntu ariko hari ikintu Kanguka yakoze mu kumufata mu mugongo.

Matayo 11,5 ivyabaye kurio Yohani Batista yari umugabo akomeye ariko ntavyabujije ko umwami amupfunga hanyuma agacibwa umutwe. Yamaze kuzazanigwa Yohani yatumwe abigishwa ba Yesu Kristu baje kumuranba mw’ibohero kumubaza nima ariwe bari biteze canke bategerezwa kurindira uwundi .  Nkuko bisigurwa na Chris ngo Yohani ntiyumva igituma ariko arakora igikorwa c’Imana mugabo agapfungwa. Genda mubiwire Yohana ivyo mwumva nivyo mu bona.


0 Comments: