'''' '' '#" #Burundi : Ce lundi vers 9h du matin, le Président a visité par surprise le Ministère des Finances ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Wednesday, January 21, 2026

Akazi twarakaronse, none ko bataturesha

 Akazi twarakaronse, none ko bataturesha

Bujumbura, igenekerezo rya 21 Nzero, 2026 Gako News- Blog Yiga kaminuza yaragerageje kwifata nk’umusirimu, ahejeje kaminuza araronka akazi. Yagira ngo agiye kuronka uwo bubakana ariko siko vyagenze.Vyaramubabaje  mugabo akenshi yatinya kumaramara mu gihe yovuga ko yabuze uwumuresha. Ingorane y’abakobwa n’abagabo ni ukwihagararako. –Kigeme  



Kigeme - izina ryahinduwe - ni umwigeme w’imyaka 35 akora akazi ko kudandaza ama inite inyuma yo kurangiza amashure yiwe ya Kiminuza. Nkuko abivuga ngo yatangajwe n'ukugene yasanze abakobwa bahigana ari benshi kuruta abahungu. Abandanya avuga ko asanzwe asengera mw'isengero rya katorika, akaba yakuriye mu mihari y’ubutumwa mu ntara imwe ya ruguru. Aho batwigisha kwambara bakikwiza,kugira urupfasoni mu bantu,niga amashure aruko Agita ati :
‘’Ndahashitse naraganiriye n'abandi bigeme, umwe mu ribo rero acambwira ko kugira rero nerekane ko nasirimutse, nahindutse, ntegerezwa kwambara uduhuzu tukwegereye, tugufi ,ishapule rirerire ndayambure . Ivyo vyose ndabigira  kuko nibaza yuko nje mu basirimu, ndabwebryiza nkumuntu amaze gusirimuka aje kuri kaminuza, kandi ama taille avugwa nkuko abandi babivuga sinari ndayabuze.Nari mpeza iyo kaminuza atamuhungu n’umwe ahiga canke avuye ahandi ambwiye ivyuko kubaka urugo’’.

Ibi bintu ngo vyaramubabaje naho atamuntu yari gushobora kubiyagira kuko ngo imico n’imigenzo hari ibintu atemerera abigime kuvugira hejuru. Ariko ngo akenshi yatinya kumaramara mu gihe yovuga ko yabuze uwumuresha.


Amaze kumara ivyigwa vya kaminuza, Kigeme yaciye agira Imana ahabwa umutahe na mwenewabu ari mu mahanga ariko ntiyari ingabire yamwemereye  ku wukoreshe   hanyuma amusubize umutahe wiwe ubandananye  n'inyungu azoba yararonse warose. Yari yarumvise ko umwigeme aronse akazi aca aronka uwo bubakana. Siko vyamugendeye. ‘’Ntanguye kudandaza,niho rero naza ndavugana n'abandi bigeme bagenzi banje basanzwe bakora akazi  ko kudandaza ama unité nka nje .Twasanze abandandaza ama unité bari imigwi myinshi. Benshi n'abananiwe n'amashure bagarukiye mu mwaka w'icenda, hariho abandi bana b'abakobwa barungitswe n'abavyeyi bava ruguru baje gukora ako kazi  batize amashure. Hariho rero n'uwundi mugwi w'abigeme bahejeje amashure ya kaminuza atakandi kazi bafise b .Iruhande y'iyo mirwi yose hariho uwundi murwi w'abigeme bava ruguru, bamwe usanga baravyariye iwabo,abandi ugasnga ntamashure bize,abandi bamaze amashure y'intango’’ .


 Abo bose rero bakaba bakeneye abagabo. Ikibahanga rero,ni uko tutigera twibaza ivyiwacu,ntitubivuge canke ngo tubishire ahabona. Abandanya avuga ko abakobwa n'abagabo burya barasangiye ingorane nyamukuru nayo ikaba iva ku kwihagararako, kutavuga ibibibangamiye ngo bodutwenga. Kigeme Asobanura avuga ko abigeme benshi badasoma ibiharuro bishikirizwa n’ikigo ISTEEBU ku bijanye n’ibitigiri vy’abahungu n’abigeme. Ivyo bikaba uko mu gihe nabo bahungu nyene batazorongora bose kubera bamwe basanzwe bagendana ubumuga bubaza gushing ingo zabo, abandi nabo bakora ubuzi butuma badashinga ingo ,abandi ivyo kubaka babigize umuziro .


‘’Iyo mirwi rero ibivuyemwo,twebwe tukaguma dukura kandi tugwirirana  ku rwego ruteye ubwoba. Ariko igitangaje rero usanga urwaruka arirwo bita ama génération umenga rurusha ubwiza urwahahora’’ Kigeme abandanya avuga ko ingorane baca bahura ubwambere ariyimyaka. Ngo kera bababwira ko umukobwa aronse akazi aca aronka umugabo ati : ‘’None ubu ko twakaronse ko bataturesha ,ko , barindiye iki?Yamara ivyo mpfa kubibaza  ndabizi ingorane nabo bafise n'amikoro make nabo usanga nabo bafise.uworaba neza abahungu benshi n'abo boba bipfuza kurongora babibuzwa  n'uburyo kubera ibintu vyazimvye kuburyo bw'umurengera.None  azokubahuka kuja kukubwira ngo mwubakane mutagira aho muba?Ubu inzu inzu y'ivyumba 2 na salon igeze kubihumbi amajana atandatu,aho nimuma Quartier  amwamwe abayabaye .Tuvuge ko yamaze kaminuza akaba ahembwa ibihumbi amajana ane wumva mwoba munzu y'ibihumbi ama atandatu mukabaho mutarya?mwiteze yuko Imana izabahezagiza umwana mukazomureresha iki?


Kubwivyo rero ngo abahungu baraja ngaho bakabihweza bagasanga kwubaka atavyo bashoboye ,bagaca baba barabangira ,mugabo uko kubangira kwabo abigeme bobo baca baja mu ngorane kuko  imyaka ‘’ibrya kurya imisi irya itomati’’.Abakobwa  rero bagaca bicwa no kwihagararako.Babona abahungu bariko baraca mw’ibarabara,bakabona abahungu batonda muri za kaminuza  ,bakabona abahungu baje mu misa bakibaza ngo abagabo bariraye , ko buca barogorwa , bakibaza ko ahubwo bagiye kuronderwa  n'ibihumbi n'ibihumbagiza vy’abasore  naho mashwi.


‘’Jewe nirirwa kugasoko canke nkirirwa mw'ibarabara ariko ndamaze imyaka itatu atamuhungu ndabona ambwiye ivyo kwubakana,ivyo navyo bikantera ubwoba kuko mfita imyaka mirongo itatu n'itanu. None hokwiyongerako iyindi 5 wumva noba nkifita amahirwe yo kuvyara abana bangahe?Iyi ngorane rero itugoye ikitugoye kuko ntanuwuzoyidukiza  kuko ntawo twotuma ngo batuzanire kuko ntaho yobakura.umukobwa rero agapfana agahinda, burya nubwo numvise ngo abagabo bari mugahinda, n'abakobwa nabo bari mu gahinda ku buryo bobo bapfuye kabiri nk'umukubi kuko ntibashobora nokuvuga ingorane bafise ngo abantu bobatwenga’’.


Abandanya atabaza avuga ati yamara yamara abigeme barabuze abagabo, bariko barareka kubivugira hejuru kugutinya ko bobatwenga .


No comments: