Akazi twarakaronse, none ko bataturesha
Bujumbura, igenekerezo rya 21 Nzero, 2026
Gako News- Blog Yiga kaminuza yaragerageje kwifata nk’umusirimu, ahejeje
kaminuza araronka akazi. Yagira ngo agiye kuronka uwo bubakana ariko siko
vyagenze.Vyaramubabaje mugabo akenshi yatinya kumaramara mu gihe yovuga ko
yabuze uwumuresha. Ingorane y’abakobwa n’abagabo ni ukwihagararako. –Kigeme
Ibi bintu ngo vyaramubabaje naho atamuntu
yari gushobora kubiyagira kuko ngo imico n’imigenzo hari ibintu atemerera
abigime kuvugira hejuru. Ariko ngo akenshi yatinya kumaramara mu gihe yovuga ko
yabuze uwumuresha.
Amaze kumara ivyigwa vya kaminuza, Kigeme
yaciye agira Imana ahabwa umutahe na mwenewabu ari mu mahanga ariko ntiyari
ingabire yamwemereye ku wukoreshe
hanyuma amusubize umutahe wiwe ubandananye n'inyungu azoba yararonse
warose. Yari yarumvise ko umwigeme aronse akazi aca aronka uwo bubakana. Siko
vyamugendeye. ‘’Ntanguye kudandaza,niho rero naza ndavugana n'abandi bigeme
bagenzi banje basanzwe bakora akazi ko
kudandaza ama unité nka nje .Twasanze abandandaza ama unité bari imigwi
myinshi. Benshi n'abananiwe n'amashure bagarukiye mu mwaka w'icenda, hariho
abandi bana b'abakobwa barungitswe n'abavyeyi bava ruguru baje gukora ako kazi batize amashure. Hariho rero n'uwundi mugwi
w'abigeme bahejeje amashure ya kaminuza atakandi kazi bafise b .Iruhande y'iyo
mirwi yose hariho uwundi murwi w'abigeme bava ruguru, bamwe usanga baravyariye
iwabo,abandi ugasnga ntamashure bize,abandi bamaze amashure y'intango’’ .
Abo bose rero bakaba bakeneye
abagabo. Ikibahanga rero,ni uko tutigera twibaza ivyiwacu,ntitubivuge canke ngo
tubishire ahabona. Abandanya avuga ko abakobwa n'abagabo burya barasangiye
ingorane nyamukuru nayo ikaba iva ku kwihagararako, kutavuga ibibibangamiye ngo
bodutwenga. Kigeme Asobanura avuga ko abigeme benshi badasoma ibiharuro
bishikirizwa n’ikigo ISTEEBU ku bijanye n’ibitigiri vy’abahungu n’abigeme. Ivyo
bikaba uko mu gihe nabo bahungu nyene batazorongora bose kubera bamwe basanzwe
bagendana ubumuga bubaza gushing ingo zabo, abandi nabo bakora ubuzi butuma
badashinga ingo ,abandi ivyo kubaka babigize umuziro .
‘’Iyo mirwi rero ibivuyemwo,twebwe tukaguma dukura kandi tugwirirana ku rwego ruteye ubwoba. Ariko igitangaje rero
usanga urwaruka arirwo bita ama génération umenga rurusha ubwiza urwahahora’’ Kigeme
abandanya avuga ko ingorane baca bahura ubwambere ariyimyaka. Ngo kera bababwira ko umukobwa aronse akazi
aca aronka umugabo ati : ‘’None ubu ko
twakaronse ko bataturesha ,ko , barindiye iki?Yamara ivyo mpfa kubibaza
ndabizi ingorane nabo bafise n'amikoro make nabo usanga nabo bafise.uworaba
neza abahungu benshi n'abo boba bipfuza kurongora babibuzwa n'uburyo
kubera ibintu vyazimvye kuburyo bw'umurengera.None azokubahuka kuja
kukubwira ngo mwubakane mutagira aho muba?Ubu inzu inzu y'ivyumba 2 na salon
igeze kubihumbi amajana atandatu,aho nimuma Quartier amwamwe abayabaye .Tuvuge
ko yamaze kaminuza akaba ahembwa ibihumbi amajana ane wumva mwoba munzu
y'ibihumbi ama atandatu mukabaho mutarya?mwiteze yuko Imana izabahezagiza
umwana mukazomureresha iki?
Kubwivyo rero ngo abahungu baraja ngaho bakabihweza bagasanga kwubaka
atavyo bashoboye ,bagaca baba barabangira ,mugabo uko kubangira kwabo abigeme
bobo baca baja mu ngorane kuko imyaka
‘’ibrya kurya imisi irya itomati’’.Abakobwa rero bagaca bicwa no
kwihagararako.Babona abahungu bariko baraca mw’ibarabara,bakabona abahungu batonda
muri za kaminuza ,bakabona abahungu baje mu misa bakibaza ngo abagabo
bariraye , ko buca barogorwa , bakibaza ko ahubwo bagiye kuronderwa
n'ibihumbi n'ibihumbagiza vy’abasore naho mashwi.
‘’Jewe nirirwa kugasoko canke nkirirwa mw'ibarabara ariko ndamaze
imyaka itatu atamuhungu ndabona ambwiye ivyo kwubakana,ivyo navyo bikantera
ubwoba kuko mfita imyaka mirongo itatu n'itanu. None hokwiyongerako iyindi 5
wumva noba nkifita amahirwe yo kuvyara abana bangahe?Iyi ngorane rero
itugoye ikitugoye kuko ntanuwuzoyidukiza kuko ntawo twotuma ngo
batuzanire kuko ntaho yobakura.umukobwa rero agapfana agahinda, burya nubwo
numvise ngo abagabo bari mugahinda, n'abakobwa nabo bari mu gahinda ku buryo
bobo bapfuye kabiri nk'umukubi kuko ntibashobora nokuvuga ingorane bafise ngo
abantu bobatwenga’’.
Abandanya atabaza avuga ati yamara yamara abigeme barabuze abagabo,
bariko barareka kubivugira hejuru kugutinya ko bobatwenga .

No comments:
Post a Comment