'''' '' '#" Trump asaba gushumbushwa n'ikinyamakuru BBC imiriyaridi 10 z'amadorari ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Monday, August 1, 2022

Ngo mu bantu batuma igitoro kibura harimwo n'abatwara imiduga

 

Ngo mu bantu batuma igitoro kibura harimwo n'abatwara imiduga


Bamwe mu bagendesha imidfuga badashima kugutanga amazina yabo baremeza ko bimwe mu bituma igitoro kibura cane harimwo n’abagendesha imiduga yunguruza abantu cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Dufatire akarorero ku muntu yunguruza abantu akoresheje taxi. Ngo iyo igitoro giheze aca aja kuri pompu maze ashikiriwe aca yuzuza itangi aho akaba aronse iritoro 60 maze agaca ayakoramwo gushika mu Buyenzi maze iritito agaca ayigurisha 10.000 fbu kw’iritiro. Akagurisha ubwo nyene iritioro 40 ku mafaranga 400.000 Fbu agaca asigarana iritiro 20 zituma yereka nyene imodoka ko ariko arakora.

Amaze kuronka ayo mafaranga aca ashira nyene imodoka ya mafaranga batanga ku musi kandi akamusigurira ko igitoro kizimye arico gituma atanga makeyi: 15000 Fbu. Bukeye canke akoze ningoga ngo arqngize za ritiro 20 yasigarana aca asubira kuja gutondera igitoro ariko ka kanoti ka 400.000 fbu agafise ku mufuko.

Urwo rudandazwa rubera mu rwenge rutuma bene imodoka bahomba mugabo bagata umwikomo ku badandaza igitoro mu gihe bene kugendesha iyo miduga yunguruza abantu aribo bariko baragacamwo mugabo bakinumira.

No comments: