Ngo mu bantu batuma igitoro
kibura harimwo n'abatwara imiduga
Bamwe mu bagendesha imidfuga
badashima kugutanga amazina yabo baremeza ko bimwe mu bituma igitoro kibura cane
harimwo n’abagendesha imiduga yunguruza abantu cane cane mu gisagara ca
Bujumbura.
Dufatire akarorero ku muntu yunguruza
abantu akoresheje taxi. Ngo iyo igitoro giheze aca aja kuri pompu maze
ashikiriwe aca yuzuza itangi aho akaba aronse iritoro 60 maze agaca ayakoramwo
gushika mu Buyenzi maze iritito agaca ayigurisha 10.000 fbu kw’iritiro.
Akagurisha ubwo nyene iritioro 40 ku mafaranga 400.000 Fbu agaca asigarana
iritiro 20 zituma yereka nyene imodoka ko ariko arakora.
Amaze kuronka ayo mafaranga
aca ashira nyene imodoka ya mafaranga batanga ku musi kandi akamusigurira ko
igitoro kizimye arico gituma atanga makeyi: 15000 Fbu. Bukeye canke akoze
ningoga ngo arqngize za ritiro 20 yasigarana aca asubira kuja gutondera igitoro
ariko ka kanoti ka 400.000 fbu agafise ku mufuko.
Urwo rudandazwa rubera mu
rwenge rutuma bene imodoka bahomba mugabo bagata umwikomo ku badandaza igitoro
mu gihe bene kugendesha iyo miduga yunguruza abantu aribo bariko baragacamwo
mugabo bakinumira.
.jpg)
No comments:
Post a Comment