Umukuru w'igihugu Ndayishimiye Varisito ati : "Mbega amahera yose atangwa muri Mutuelle agura imiti?"
Mu kiganiro umukuru w'igihugu Ndayishimiye Varisito
yagiranye n'abamenyeshamakuru mu biro iwe Kwa Ntare yarishuye
ibibazo bitandukanye vyo mu buzima bw'igihugu.
Yishura kubijanye n'ubutunzi n'itunganywa ry'amashirahamwe
yegukira Reta y'Uburundi canke ayo ifisemwo imitahe yaravuze ku mashirahamwe amwe amwe. Nko kw’ishirahamwe
rijejwe kuvuza abakozi ba Reta Mutuelle de la Fonction Publique asa n'uwufise amakenga.
Aha abaza ati : ‘’ Mbega amahera yose atangwa muri Mutuelle agura imiti?’’. Ngo
yaratangaye yumvise ko iryo shirahamwe rishaka kugura inyubakwa y’imiriyaridi 7
mugihe ritigera ryerekana amafaranga yasiye buri mwaka kuyo ryakoresheje yatanzwe
n’abanwanyi.
Amakenga umukuru w’igihugu kandi arayashira kw’ishirahamwe
OTB rijejwe gutunganya igitegwa c’ikawa mu Burundi.
Iryo shirahamwe ngo ryari ryihaye uburenganzira bwo kubaka inyubakwa y’akarorero
mugihe muvyo rijejwe ivyo inyubako atabirimwo,
Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye amenyesha ko
yaciye ahagarikika ivyo bikorwa. Ku bijanye n’ishirahamwe ryo gutumatumanako ONATEL yamenyesheje ko abarirongoye bananiwe ko
hakwiriye abahinga boza kurivyura.
Umukuru w’igihugu avuga ko umushinge w’ iterambere ari
akamikamuntu

No comments:
Post a Comment