'''' '' '#" Trump asaba gushumbushwa n'ikinyamakuru BBC imiriyaridi 10 z'amadorari ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, May 17, 2022

Imyaka 18 irarumanye ubugeni bw'abasangiye ibitsina bwemejwe

 

Hari kw'igenekerezo rya 17 rusama 2004  hariya muri reta ya Massachusetts muri Reta zunze ubumwe z'Amarika aho ku ncuro ya mbere hemezwa imbere y'amategeko ubugeni  bw'abantu bubakana bisangiye ibitsina.

Nkuko icegenyo co mu mwaka w’2020 kivyerekana  uguhuza ibitsina ku bantu babisangiye birarekuwe n’amategeko mu bihugu 69 kw’isi mu gihe mu bindi bihugu bibujijwe mbere hamwe bigahanishwa urupfu.

Mu bihugu vya Buraya , Amerika ya ruguru n’Amerika y’epfo amategeko abuza abantu guhuza ibitsina babisangiye yarakuweho. Muri Afrika no muri Aziya uko bimeze ku bihugu bimwe siko bimeze ku bindi. Muri Afrika, ibihugu 32 birabuza cane abantu guhuza ibitsina babisangiye aho ni ibihugu nka Nijeriya, Etiyopiya, Tanzaniya, Uburundi, Arijeriya na Maroke. Muri Aziya, ibihugu 22 harimwo Indoneziya, Irani, Singapuru birabuza abantu guhuza ibitsina babisangiye.

Muri rusangi, ku bihugu 193 biharugwa kw’isi, 69 nivyo bimaze kwemeza iryo huzwa vy’ibitsina mugihe 11 vyovyo bihanisha inyifato nkiyo igihano co gupfa bikoresheje amategeko yanditswe. Ivyo ni nka Irani, Moritaniya.  Nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe Ilga ibihugu bimwe birahana iyo ntifato ata mategeko yanditse ahari. Ivyo navyo ni Arijeriya na na Somariya.

No comments: