'''' '' '#" Trump asaba gushumbushwa n'ikinyamakuru BBC imiriyaridi 10 z'amadorari ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, May 14, 2022

CNDD-FDD: Abanywanyi bababa 3000 bakiriwe i Nyanza-Lac

 


Abanywanyi bababa 3000 baturutse mu yindi migambwe nibo bakiriwe mu mugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa gatandatu igenekerezo ry'14 Rusama muri Komine Nyanza-Lac yo mu ntara ya Makamba. Ivyo bivugwa na Jiriberuto Nduwayo aserukira uwo mugambwe mu ntara ya Makamba.

Muri rwa rukirikirane rw'ingendo za tunganijwe n'ibiro bikuru vy'umugambwe CNDD-FDD, kuri uno musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Rusama 2022 hari haramukiwe Komine Nyanza-Lac yo muntara ya Makamba.

Mu gihe hari hitezwe umunyamabanga mukuru w'umugambwe, umukenguzamakteka Reveriyo Ndikuriyo asanzwe aturuko muri iyo ntara , ivyo birori vyatewe iteka n'icegera ciwe, umushingamateka Jozefu Ntakarutimana kubera yarasanzwe mu rugendo rw'akazi mu gihugu ca Tanzaniya.

Kuva isaha zitatu z'igitondo, isinzi ry'abantu rigizwe n'abanywanyi b'umugambwe hamwe n'abari biteze kwakirwa icese bari buzuye amabarabara yo ku murwa mukuru w'ikomine isangiye imbibe n'ibihugu bibiri ikongera ikagira n'abenegihugu bababa abo mu ntara ya Cankuzo.

Mw'ijambo ryo kwakira umushitsi w'iteka no kumusaba ngo yinjize mu mugambwe abashasha, umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Makamba, umushingamateka Jiriberuto Nduwayo yavuze ko abagumyabanga bari ku bikorwa vyo kugwiza umwimbu kandi ''ko mu myaka ya 2025 n'2027 intara ya Makamba izoronka umwimbu ushimishije kuko ubuja gusha buratagata''.


Jiriberuto Nduwayo ati : ''Nkuko twabasanze ku mitumba tukabigisha akarangamutima batubwiye ko icatumye bashaka kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD ari uko bari bamaze imyaka itari mike bakurikira poritike zitarizo na cane cane zibigisha kudakunda ibikorwa vy'iterambere rusangi hanyuma zikaba zishimikiye ku kinyoma''.

Yozefu Ntakarutimana ati:''Iyi komine ni ikomine  iri mu makomine ubutegetsi bubi bwamye muri  kino gihugu yakirimbiyeko, irasiriba, irasiribanga, iratema irasubira,, abantu barahona , abadahonye barahunga. Iyo ubutegetsi bubi butabahekura Nyanza-Lac iba isigaye inganya ivyashara na Bujumbura Mairie''.   

Uyo mukuru yemeza ko  2025 hoho amajwi uyo mugambwe uzoronka atagira uko angana , 2027 hoho ari ijana kw'ijana . Ngo no 2050 amajwi bazoronka barayabona uko angana.




Yibutsa abari ngaho amakuba komine Nyanza-Lac yaciyemwo yagize ati :  '' Irindwi na kabiri (intwaro mbi) yaraje n'uwacuruza utyobe baratwaye aragenda, bantu be muza muramenya iyo twavuye.Irindwi na kabiri yaraje uwufise akabutike yoooo , uri umumenyeshamana yooo, uri umwarimu mu mashure matomato hasigaye uwo Imana ishaka azoca umugani, irindwi na kabiri yaraje abadiregiteri, abigisha mu masegonderi bose barajana abatagiye nabo barahunga. Muri iyi komine ya Nyanza-Lac, mu 93 hoho muraca vyibuka ibara ryaraguye hano.Uwutarokotse yemwe yarokokeye hehe , yaraokokeye mu buhungiro.Uwudashitseyo nawe bahuriranaye bararimuye. Nyanza-lac, Nyanza-Lac, mwaragowe, mwaragowe .Mwaragowe nkuko twagowe abagumyabanga''.

Bamwe mu bakiriwe  baravuze ico bashimye umugambwe bunjiyemyo, ko ''baharuye bakabaza umutimanama bagasanga guheba ibikorwa vya poritike ari uguheba igihugu''. Umwe ati: ''Iryo kosa ntaryo nokora . Narimaze imyaka 6 nkorana mu buryo butari ahabona  n'abagumyabanga .Uyu musi rero nipfuje kuja ahabona.Ngirako mbere ntera akamo abo twabanye muri iyo mwaka, kaze twubake Nyanaza-Lac, twubake igihugu. .....tugire  Nyanza-Lac Karusi ya Makamba''.

Yozefu Ntakarutimana yarangije atekerera impanuro abashasha aho yabibukije ko  umugambwe CNDD-FDD atari umugambwe wo gufyina ko atari umugambwe w'amazuru magufi kuko nabagomvye kuyadandaza vyaranse kuko urwo rudandazwa rutabaho.

No comments: