Abanywanyi bababa 3000 baturutse mu yindi migambwe nibo bakiriwe mu mugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa gatandatu igenekerezo ry'14 Rusama muri Komine Nyanza-Lac yo mu ntara ya Makamba. Ivyo bivugwa na Jiriberuto Nduwayo aserukira uwo mugambwe mu ntara ya Makamba.
Muri rwa rukirikirane rw'ingendo za tunganijwe n'ibiro bikuru vy'umugambwe CNDD-FDD, kuri uno musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Rusama 2022 hari haramukiwe Komine Nyanza-Lac yo muntara ya Makamba.
Mu gihe hari hitezwe umunyamabanga mukuru w'umugambwe, umukenguzamakteka Reveriyo Ndikuriyo asanzwe aturuko muri iyo ntara , ivyo birori vyatewe iteka n'icegera ciwe, umushingamateka Jozefu Ntakarutimana kubera yarasanzwe mu rugendo rw'akazi mu gihugu ca Tanzaniya.
Mw'ijambo ryo kwakira umushitsi w'iteka no kumusaba ngo yinjize mu mugambwe abashasha, umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Makamba, umushingamateka Jiriberuto Nduwayo yavuze ko abagumyabanga bari ku bikorwa vyo kugwiza umwimbu kandi ''ko mu myaka ya 2025 n'2027 intara ya Makamba izoronka umwimbu ushimishije kuko ubuja gusha buratagata''.
Yozefu Ntakarutimana ati:''Iyi komine ni ikomine iri mu makomine ubutegetsi bubi bwamye muri kino gihugu yakirimbiyeko, irasiriba, irasiribanga, iratema irasubira,, abantu barahona , abadahonye barahunga. Iyo ubutegetsi bubi butabahekura Nyanza-Lac iba isigaye inganya ivyashara na Bujumbura Mairie''.
Uyo mukuru yemeza ko 2025 hoho amajwi uyo mugambwe uzoronka atagira uko angana , 2027 hoho ari ijana kw'ijana . Ngo no 2050 amajwi bazoronka barayabona uko angana.
Bamwe mu bakiriwe baravuze ico bashimye umugambwe bunjiyemyo, ko ''baharuye bakabaza umutimanama bagasanga guheba ibikorwa vya poritike ari uguheba igihugu''. Umwe ati: ''Iryo kosa ntaryo nokora . Narimaze imyaka 6 nkorana mu buryo butari ahabona n'abagumyabanga .Uyu musi rero nipfuje kuja ahabona.Ngirako mbere ntera akamo abo twabanye muri iyo mwaka, kaze twubake Nyanaza-Lac, twubake igihugu. .....tugire Nyanza-Lac Karusi ya Makamba''.



.jpg)
No comments:
Post a Comment