Umwigisha yafashwe n’abigeme agiye kubiba - Gako News
'''' '' '#" #Burundi :La SC souhaite que la Convention de Malabo soit signée et ratifiée ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, February 3, 2026

Umwigisha yafashwe n’abigeme agiye kubiba

 

Umwigisha yafashwe n’abigeme agiye kubiba

 

Bujumbura, igenekerezo rya 3 Ruhuhuma, 2026 Gako News Blog Abana bahavuye bifatira umwigisha yaragiye ku biba ku buraro bwabo inyuma y’amajoro yaramaze abaraza badasinziriye

Ku mutumba wa Ndago wa komine ya Songa ya kera muri rino ry’igenekerezo rya 3  mu masaha ya samunani abana b'abigeme bifatiye bonyene umusuma  yahora abaraza kw'ijoro. Aho ni mugihe ubwo buraro bw'abigeme bwari bumaze guterwa n'abasuma bakiba ama valises n'amasakoshe y'abana,impuzu,ibirato n'ibindi nk'ivyuma bifasha mu gutanga umuco uvuye kuzuba.

Uyu mwigisha yarasanzwe ariho akironka akazi ko kwigisha kw’ishure yisumbuye ya Kivu i Ndago muri Komine Songa ya kera  akaba yarasanwze aba yafi ya Lycee Rumeza .

Yafatiwe Aho abana babigeme barara,baraye biyambitse amateka Aho bashobora kwifatira umusuma

Nkuko bivugwa n’abamuzi  ngo hamaze indwi akora.Yari mushasha kuri lycée Communal kivumu ,iri kumwe n’ishure nsdhingiro  Karinzi.


No comments: