Kubera iki uri ngaha
Bujumbura, Igenekerezo rya mbere Ruhuhuma,2026 Gako News Blog Kubera iki uri ngaha na uri hehe? Aya ni amajambo y'urufatiro y'ingigisho zashikirijwe na Pasitori Willy Nitunga n'umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie ku rusengero Pain de Vie kuri Uno w'Imana.
Ku butumire bw'Urusengero Pain de Vie rwo mu Nyabugete, Umwungere w'urusengero w'Urutare Maramvya Pasitori Willy Nitunga n'umuvugabutumwa Mapendo Anne Marie baherekejwe n'abamwe bo muri urwo rusengero batanze ubutumwa mu rusengero Pain de Vie kuri Uno w'Imana igenekerezo rya mbere Ruhuhuma,2026.
Mu ndamutso yibukije abakristo urufatiro rw'unonmwaka mu nyigisho ziwe zo '' gutegura umugenzi wa Kristo'' : Uri hehe. Yavuze ko kugira ngo umuntu akubaze ati uri hehe ari uko aba yakubuze.
Pasitori Willy Nitunga mu nyigisho yiwe yise Kubera iki uri ngaha yahagaze ku bisomwa bibiri. Kimwe ku nkuru ya Esther ikindi kivuga ukuntu Imana igirira neza umuntu mugabo aho kiyishimira agaca yikorera ibimunezera maze agaca yibagira uwamuremye.
Pasitori Willy yavuze ko iyo Imana ishaka kugutuma kurangura ikintu iragutegura.
Yitanzeko akarorero Aho yari ajejwe gukurikirana inka z'uwahora arongoye gisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa ko Imana yari yamushize muri ico gikorwa co gukurikirana inka kugirango amenye ivyo inka zikenera n'umuntu zibaho . Aho kwari ukugira ngo nihahera kuba umwungere azomenye ivyo abakristo bakeneye n'ukuntu babayeho. Umuntu wese rero Imana imushira ahantu kugira ugire ico umariye abandi. Mu gihe ataco urangiye uwa witesheje imigisha kandi ishobora kihashira uwundi.
Umuntu wese akorere neza Imana iramuhemba.



No comments:
Post a Comment