Urushengero Vivante rwahavuye rushikirizwa ivyo rwatsindiye
Bujumbura, igenekerezo rya 23 Myandagaro, Gako News -Blog , Inyuma y'imyaka 10 y'imburano, inyuma y'intsinzi zine, inyuma y'impari nyishi n'imibonano y'urutavanako, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 16, myandagaro 2024, urushengero Vivante rwo muri zone Minago, Komine n'intara ya Rumonge rwahavuye rushikirizwa ibibanza bibiri vyo mu Minago no ku Murungu.
Habonimana Hermes aherabujwe ku bintu vyose yarondera ku rushengero Vivante, Ndayegamiye Alexandre atsindiye ibibanza bibiri. Aya ni amwe mu majambo ya juge yatumye abakristo b'urushengero Vivante ahanini bari bagizwe n'abakenyezi batangura gutamba baratarika isaha cumi n'imwe n'inusu imbere y'urushenegero Christian Sowers in Africa ahahavuye harandurwa icapa caruranga.
''Vyose vyatanguye mu 2015 bivuye ku mupasitori yaraturongoye yitwa Bigirimana John yashatse guhindura minisiteri twari twatanguye ashaka kuyigira urushengero . Natwe nk'abapasitori turavyanka , intambara ica iratangura'', aya ni amajambo ya Pasitori Ndayegamiye Alexandre- pasteur regional asohotse avuye mu nyubakwa y'urushengero Christian Sowers in Africa isaha imwe y'ijoro mu gihe inyamiramabi zo muri zone Minago zari zihejeje gushira amagufuri yatanzwe n'abakristo b'urushengero Vivante kuri urwo rushengero, abarusengeramwo nabo bamaze guheza gusombera intebe n'ibindi bikoresho mu mihana irwegereye.
Urushengero Vivante ruserukiwe na Ndayegamiye Alexande rwatsinze urubanza mu 2020 abo baburana baca bitura sentare ntahinyuzwa basaba ko urubanza rutoshikirizwa kubera ko ''abantu barongoye bogumika''.Ngo nabanze batohoze neza. Umukuru wa sentare ntahinyuzwa yandikira uwurongoye sentare ya Burri.
Ko urubanza rubanza kurindira. Hanyuma bacabaja kwiteara ku.mushikiranganji nawe atanga inyishu ko urubanza rudasubirwamwo ko bicisha iho intahe yasize. Vivante ica yitura sentare ntahinyuzwa kugirango yandike urupapuro ruhindura urwa baribasize muri dosiye y'i Bururi . Umukuru wa sentare ntahinyuzwa aca yandikira umukuru wa sentare isubiramwo Imanza i Bururi. Nawe aca asaba umukuru wa sentare ya Rumonge ko yoshira mu ngiro ivyavuye mu mburano.
Kuri uno wa gatanu rero ryari isango ntabanduka ryari ryatanzwe na sentare yo mu ntara ya Rumonge ngo hakurikizwe ivyavuye mu rubanza inomero 3482 sentare nkuru isubiramwo imanza ya Bururi yashikirije ko Habinama Hermes ahebujwe kubintu vyose yarondera kuru shengero Vivante ryaserukiwe na Ndayegamiye Alexandemrwari hagati y'urushengero Christian Sowers in Africa na Vivante.
Uru rubanza ngo rwa dididijwe n'ukudadika kwa aba "Sowers" nkuko bivugwa na Tuyisenge Ancile, umuririmvyi wo muri Vivante asaba ko abatsinze bo muri Vivante boshiramwe n'abatsinwe bakagira urukundo nkurwo barifitaniye kuva kera.
Ku bwa Pasitori Igiraneza Jean Dosco icatumye urwo urubanza rudindira ni uko abo baburana batigeze bemera gushira aho intahe ishize , bagumye batera igere. "Baragiye muri sentare y'ibtabgo turabatsibda. Bagenda muri sentare y'igihugu turabatsinda, baragenda muri cour d'appel turabatsinda. Baragenda muri gasamburamanza turabatsinda. Baragenda mu bushikiranganji turabatsinda. Ni abo kwiyegereza muri runo rugendo rwo kuja mw'ijuru''.
Ku bijanye n'imigenderanire igiye kuranga abakrisito b'ayo mashengero abiri yaba Pasitori Ndayegamiye Alexandre yaba Ntubwanayo Egide, umuvugabutumwa muri Vivanye bose bemezako mu gihe abakristo bo muri Christian Sowers in Africa boshaka ko babandanya gusengera hamwe atakibazo vyotera.
Egide ati : " Ica mbere twoshimira Imana yo mw'ijuru, tugashimira ubutungane bwo bwadufashije tugashikira intsibzi naho vyaciye kure. Ubutungane buragahorako. Twokongera tugashimira Reta y'Uburundi yo yadushikirije ibintu vyacu. Ubutungane buragahoraho. Ica kabiri tugiye kuvyifatamwo neza nk'abakristo. Twebwe abo batsinzwe bari abakristo nibaza tuzobakira kandi tuzobafata nk'abakristo. Uyu musi imiryango iruguruye. Uwo wese agomvye araza ariko umuntu aja mw'idini agomvye. Arongera akavuga ko basanze hari ibikoresho basize mu rushenegero nk'intebe n'ivyuma bibafasha kuririrmba basanze atabiriho''.
Umunyaminago w'umwisiramu aba irihunade yanse kwivuga izina yagize ati : " Nsanze ubutungane ari ikigwanisho c'Imana. Aba bantu bari bararenganijwe. Twasemereye kuva kera aba Sowers ntibatwumvira. Ku mutaga bamwe muri abo ba " Sowers" bari bamenyesheje ko badasohoka urwo rushengero mu gihe '' Imana yabahishuriye ko nibaruvamwo itazoba ikiri mw'ijuru". Aho ni igihe abakristo ba Vivante bari basidukanye n'iyonka kuza muri ivyo birori vyo gushirizwa ivyo bari batsindiye nkuko bari babisezeranye ku musi w'Imana uheze.
No comments:
Post a Comment